Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA: Uwaheruka gukenwa gutwara igisirikare co mu mazi yavuye muri ayo (...)
 USA: Uwaheruka gukenwa gutwara igisirikare co mu mazi yavuye muri ayo mabanga
 USA: Uwaheruka gukenwa gutwara igisirikare co mu mazi yavuye muri ayo mabanga
				
				lundi 27 Ruhuhuma 2017
Philip Bilden yaheruka kugenwa n’umukuru w’igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika Donald Trump mu mabanga yo kurongora igisirikare kirwanira mu mazi yavuye muri ayo mabanga.
Philip Bilden yavuze ko yasanze bitabereye ko abandanya ayo mabanga kubera amategeko agenga inyungu z’umuntu ku giti ciwe be n’inyungu z’igihugu.
Philip Bilden yatowe na Donald Trump nk’umushikiranganji w’igisirikare kirwanira mu mazi, Navy, yasiguye ko afise impungenge ku bijanye n’ubuzima bwiwe hamwe n’ibibazo yohura navyo agerageza gutandukanya ubuzima bwiwe n’ibikorwa vy’urudandazwa asanzwe akora.
Umushikiranganji wo kwivuna abansi mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Jim Mattis, yavuze ko mu minsi ya vuba azotangaza izina ry’uwosubirira Philip Bilden yavuye mu mabanga yo kurongora igisirikare kirwanira mu mazi.
Mu ntango z’ukwezi kwa kabiri ,umunyamabanga mu bushikiranganji bwo kwivuna abansi, Vincent Viola, nawe yaratanze imihoho.
IGIHE

Messages
28 Ruhuhuma 2017, 06:04, par Ntakirutimana Joel
Baramuhererako bose batangimihoho nukuri!.