IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > USA yafatiye ibihano abategetsi indwi ba Koreya ya Ruguru

USA yafatiye ibihano abategetsi indwi ba Koreya ya Ruguru

jeudi 12 Nzero 2017

Igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cafatiye ibihano abategetsi indwi b’igihugu ca Koreya ya Ruguru,kubera ivyo igihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika cise ihohoterwa rikomeye ry’agateka ka zina muntu no guhohotera ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro.

Ivyo bihano vyafashwe kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 11 Nzero 2017 vyafatiwe kandi mushiki wa Kim Jong Un,umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru hamwe n’ibigo bibiri vya Reta ya Koreya ya Ruguru, bikukira Ubushikiranganji bw’abakozi n’umugwi ujejwe gutunganya akazi .

Ivyo bihano bigizwe no gufata ubutunzi n’ibindi ivyo bigo bisanzwe bitungiye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika. Abanyagihugu ba Amerika nabo nyene bakaba babujijwe kugira ico bakorana n’abo bahawe ivyo bihano co kimwe n’ivyo bigo.

Mark Toner umuvugizi wa Reta ya Amerika, amenyesha ko ihohoterwa rikorwa na Reta ya Koreya ya Ruguru ataho riraboneka kw’isi. Toner yamenyesheje ko abantu bashika ku bihumbi ijana na mirongo ibiri, harimwo n’abana, bagizwe imbohe aho muri Koreya ya Ruguru.

Mark Toner avuga kandi ko muri ico gihugu bagize umuziro gutanga amakuru no gushikiriza ivyiyumviro.


IGIHE

Messages

  • Abodwi nibakeya kuko ibihumbi nkivyo ntabantu indwi bobishobora,barafise abafatikanya nabo!, Nibakomeshwe gose,Mutibagiye nuburundi, imintungo ya Nkurunziza hamwe nabo bafatanije mukwica abenigihugu, yarikwiye gufatwa yose kuko nabonyene ntaho batandukaniye nabo bomuri koreya yapfo.

  • We ugereranya nkurunziza n.abandi urinde?hisha icuri kuko.nimba mwaramukoze munyo yararevyemwo,tekereza muhumirwe ntako atari yabahanuye mukwiy kuba muro kore du.nord niho mwoshoborana kuk murateye ishavu n.agahinda.nayo twebwe mumuvuma tumusabira hanyuma turabe iyo bizoherera data@@

  • Ewe sha KeLLy nugutumwanya nguriko ngurasengera uwomubisha yamazabantu!? nkubaze umusenyera ngo yihane ncake agarukane abantu yirirwa aragandagura?,yewe senga,ariko ntakivayo asigaye arindiriye urubanza rw Imana,kuko impwemu yamwenjiye yumudayimono irakomeye, nimwe yigira ingororotsi yitwa igikirisu ibayavuye iuzimu.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.