Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Amasase yakomerekeje abantu bane i Munich
 Ubudagi : Amasase yakomerekeje abantu bane i Munich
 Ubudagi : Amasase yakomerekeje abantu bane i Munich
				
				mardi 13 Ruheshi 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko igiporisi camenyesheje ko uwo muporisi w’umukenyezi yakomeretse cane hamwe n’abandi bantu babiri bari hafi yiwe ariko batakomeretse cane.
Igiporisi kimenyesha kandi ko carashe uwo mugabo ariko atakomeretse cane, ubu akaba ari mw’ibohero .
Abajejwe umutekano babwiye abanyagihugu ko ata cotuma bagira ubwoba kuko atari igitero c’abihevyi.
Ingendo zakorwa na gari ya moshi zabaye zirahagarikwa, mu kurindira ko igiporisi kibandanya ibikorwa vyo gusaka kirondera abandi bantu boba bari inyuma y’ubwo bubisha.
MUGISHA Van Naris
