IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubudagi : Inama y’umuryango w’ibihugu bitunze kw’isi ( G20 ) yaheze ata (...)

Ubudagi : Inama y’umuryango w’ibihugu bitunze kw’isi ( G20 ) yaheze ata mwuvikano ubaye .

samedi 8 Mukakaro 2017

Amakuru ava mu gisagara ca Humburg aho iyo nama yabereye, avuga ko abaserukiye ibihugu vy’uyo muryango vyabananiye kwumvikana kubijanye n’ikoreshwa ry’amasoko ntanganguvu ava ku gitoro aho vyabateye impari nyinshi.

Ivyo bashoboye kwumvikanako n’ibijanye n’urudandazwa ,aho biyemeje ko bagiye kugwanya imyifato yo kwiyugarana mu rudandazwa, hamwe no kurwanya ukwigungirako amasoko y’abaguzi.

Umukuru wa Reta y’Ubudagi yaremeje ku mugoroba wo ku munsi wa gatanu ko iyo nama yaranzwemwo n’ukutumvikana.

Mwomenya ko hafi yahabereye iyo nama y’ibihugu bitunze kw’isi G20, habereye Imyiyerekano yiyamiriza itunganywa ry’ubutunzi bw’ibihugu bujanye n’ihiganwa ry’amasoko hadashizwe imbere abakene (Capitalisme) ,hakaba hari n’abakomerekeye muri iyo myiyerekano.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.