IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Umushikiranganji wo kwivuna abansi yatanze imihoho

Ubufaransa : Umushikiranganji wo kwivuna abansi yatanze imihoho

mardi 20 Ruheshi 2017, par Egide NDUWIMANA

Mw’itangazo yashije ahabona, Sylvie Goulard yamenyesheje ati : "Umukuru w’igihugu yihaye umugambi wo gukomeza umwizero mu bikorwa vya Reta, kunagura igihugu cacu hamwe no kunagura Ubumwe bwa buraya muri Rusangi. Uwo mugambi utegerezwa gukorwa kuri bose ata nkunzi, nico gituma nabwiye umukuru w’igihugu, n’umushikiranganji wa mbere, ko ntakiri muri Reta."

JPEG - 66.7 ko
Sylvie Goulard, umushikiranganji w’Ubufaransa ajejwe kwivuna abansi yatanze imihoho

Goulard yahoze ari umushingamateka mu nama nshingamateka y’umuryango w’ibihugu vya Buraya, yavuze ko adashobora kuguma muri Reta mu gihe azohava akorwako amatohoza ajanye n’isesagurwa ry’ubutunzi ryavuzwe muri urwo rwego.

Mw’itangazo yashize ahagaragara, yagize ati : “Mu gihe amatohoza azokorwa azoba ajanye n’ukugaragaza ukuntu abunganirizi banje baronkejwe akazi mu nama nshingamateka y’ibihugu vya Buraya, ndifuza kugaragaza ubushake bwanje bw’ugufasha mu matohoza, ku kazi nakoreye muri iyo nama nshingamateka."

Sylvie Goulard muri ryo tangazo yongeye ati : « Igikorwa co gucungera umutekano ni ic’umwihariko wa buri muntu, agateka k’abasirikare bacu, agateka k’abagabo n‘abagore bakorera igisirikare cacu rimwe rimwe bakahasiga n’ubuzima bwabo, ntawobivangatiranya n’ibintu bitagira ifatiro nk’ivyo ».

Mu ntango z’uku kwezi kwa Ruheshi, niho Sentare y’i Paris yatanguza amatohoza y’intango kuri ico kibazo kivuga ko umugambwe "MoDem" [mu mpfunyapfunyo] wagirizwa kuba warakoresheje ubutunzi bw’inama nshingamateka y’ibihugu vya Buraya mu guhemba abakozi bari mu Bufaransa.

Sylvie Goulard yahoze ari umushingamateka mu nama nshingamateka y’ibihugu vya Buraya yari amaze ukwezi kumwe ari umushikiranganji muri Reta ya Emmanuel Macron, muri Reta yashizweho inyuma y’amatora yabaye mu kwezi guheze kwa Rusama.


Vianney BIKORIMANA

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.