IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Uwatowe azokwimikwa kuri uwu w’Imana

Ubufaransa : Uwatowe azokwimikwa kuri uwu w’Imana

samedi 13 Rusama 2017, par Egide NDUWIMANA

Nk’uko bimenyerewe muri ico gihugu, umusi w’ibisikanya ku butegetsi hagati y’uwahora arongoye igihugu hamwe n’uwatowe, uba ari umusi udasanzwe, kuko bisigura ko umukuru w’igihugu mushasha aba atanguye ikiringo ciwe co kurongora igihugu, kandi bikerekana ko uwahora arongoye igihugu arangije igikorwa yari yashinzwe.

Mu gihugu c’Ubufaransa, iryo yimikwa ritunganwa inyuma y’imisi mike hatangajwe ivyavuye mu matora.

Emmanuel Macron w’imyaka 39 abaye umukuru w’igihugu w’umunani atwaye Ubufaransa. François Hollande yahora aramutswa ico gihugu yakeje uwo agiye kumusubirira. N’uwahiganwa na Macron, ariwe Marine Le Pen yaramukeje, yemera ko yatsinzwe, amwipfuriza kuroranirwa n’ukuzoshobora gutora inyishu y’ibibazo igihugu c’Ubufaransa gifise.

JPEG - 138.9 ko
Emmanuel MACRON aheruka gutorwa

NDUWIMANA

Messages

  • Turakeje Emmanuel MACRON, Imana imujimbere muburongozi bwiwe azobe akarorero keza ku bufaransa nomumakungu.
    Tunakeza uwahora arongoye ubufaransa kuburyo yi fashe mugutanga uburenganzira bukwiye kubo bitavugarumwe, akaba yashize ahintahe yashize, iyo nintabwe ishimishije, ku bafaransa bose.
    Nabategetsi bahano mu Burundi bari bakwiye kuhakura icirwa bakareka kwama bahendwa na bahanuzi babi ngo barambiye kubutegetsi ngo harivyo bazohindura!, ivyutahinduye mumyaka 10,ntavyazohindura muvyaka izokurikira, kukumutwe nawonyene iyo wacotse usanga uriko urakora nabi, ivyokuvuga bikamuherana mumutwe ugasanga ashiriza utujambo twibitebu gusa, kuko ntabariwe abasankuwaborewe.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.