IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Uburusiya : Abakozi 30 baserukira Amerika bagiye kwirukanwa

Uburusiya : Abakozi 30 baserukira Amerika bagiye kwirukanwa

mardi 11 Mukakaro 2017, par Egide NDUWIMANA

Nkuko amakuru y’iradiyo y’abongereza BBC abimenyesha,ikinyamakuru Daily Izvesta canditse ko ayo makuru yamenyeshejwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire y’Uburusiya n’ibindi bihugu.

Ayo makuru nyene,amenyesha ko izo ngingo z’igihugu c’Uburusiya ari izije kwishura ku bivugwa ko igihugu c’Uburusiya civanze mu bijanye n’amatora yabaye muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Izo ngingo zafatiwe Reta Zunze Ubumwe za Amerika,zije mu gihe igihugu c’Uburusiya cari gisanzwe carafatiwe ibindi bihano na Reta Zunze Ubumwe za Amerika.

Mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze wa 2016,ubutegetsi bwa Obama bwirukanye abaserukira Uburusiya 35 bunigarura ivyicaro bibiri vy’iperereza ry’ico gihugu vyari mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.