IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutegetsi bwa Amerika butegekanya guhagarika amasezerano na (...)

Ubutegetsi bwa Amerika butegekanya guhagarika amasezerano na Pacifique

mardi 22 Munyonyo 2016, par Egide NDUWIMANA

Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yamenyesheje ko umusi azoshikira ku butegetsi azoshikiriza ijambo ryo kuva mu masezerano y’ubudandaji Amerika ifitaniye n’ibihugu vya Pacifique.

Ayo masezerano y’ubudandaji y’ibihugu vya Pacifique yashizweko umukono mu mwaka w’2015 n’igihugu ca Amerika, Malaysia, Australia, Nouvelle Zelande, Canada na Mexique, imbere y’uko ashirwa mu ngiro n’ibihugu yega.

BBC ishikiriza ko mu butumwa bwa Video ku migambi yiwe ya mbere agishikira ubutegetsi, Donald TRUMP yavuze ko azokwihweza bushasha amasezerano y’izo mpande zibiri kugira amahinguriro agaruke muri Amerika, hasubire kuboneka ubuzi.

Ugufashanya kw’ibihugu vya Pacifique kwashizweko umukono mu kwezi kwa kabiri inyuma y’imyaka indwi y’ibiganiro kandi bikaba vyari muri poritike ya Barack Obama.

Ayo masezerano yashizweko umukono n’ibihugu 12 bifise ubutunzi bungana n’ibice 40% kw’isi.

Donald TRUMP ntaco yavuze ku mugambi wiwe wo guhindura ivyerekeye poritike ya Barack Obama yerekeye amagara y’abantu, (Obamacare) canke kwubaka uruhome hagati ya Amerika na Mexique rwo kuzibira abimukira bava muri ico gihugu.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.