Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubutegetsi bwa Amerika butegekanya guhagarika amasezerano na (...)
Ubutegetsi bwa Amerika butegekanya guhagarika amasezerano na Pacifique
mardi 22 Munyonyo 2016, par
Umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, Donald Trump yamenyesheje ko umusi azoshikira ku butegetsi azoshikiriza ijambo ryo kuva mu masezerano y’ubudandaji Amerika ifitaniye n’ibihugu vya Pacifique.
Ayo masezerano y’ubudandaji y’ibihugu vya Pacifique yashizweko umukono mu mwaka w’2015 n’igihugu ca Amerika, Malaysia, Australia, Nouvelle Zelande, Canada na Mexique, imbere y’uko ashirwa mu ngiro n’ibihugu yega.
BBC ishikiriza ko mu butumwa bwa Video ku migambi yiwe ya mbere agishikira ubutegetsi, Donald TRUMP yavuze ko azokwihweza bushasha amasezerano y’izo mpande zibiri kugira amahinguriro agaruke muri Amerika, hasubire kuboneka ubuzi.
Ugufashanya kw’ibihugu vya Pacifique kwashizweko umukono mu kwezi kwa kabiri inyuma y’imyaka indwi y’ibiganiro kandi bikaba vyari muri poritike ya Barack Obama.
Ayo masezerano yashizweko umukono n’ibihugu 12 bifise ubutunzi bungana n’ibice 40% kw’isi.
Donald TRUMP ntaco yavuze ku mugambi wiwe wo guhindura ivyerekeye poritike ya Barack Obama yerekeye amagara y’abantu, (Obamacare) canke kwubaka uruhome hagati ya Amerika na Mexique rwo kuzibira abimukira bava muri ico gihugu.
IGIHE
Messages
23 Munyonyo 2016, 11:29, par diyodoni
komera mutama
25 Munyonyo 2016, 00:06, par sebastien bimenyimana
komera nuko
25 Munyonyo 2016, 21:24, par DIYOMED
MUTAMA.WIHANGANE.AHATÛRIHA.RABANDI.IZERIMANA.IZOKWONGERA
28 Munyonyo 2016, 02:17, par Nwari
None Obama we ntiyariyaratangu gutwngaza ko ahagaritse amasezerano yoguhanahana ibidandazwa nu Burundi, president Trump numva ntakibi azobakoze ndikondatangazwa nabariko baravuga ngontazobishire mungiro kandi igihe Obama yabitangura kubishiramungiro ku Burundi atawigeze avugako yihenze canke akoze nabi.