IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Home > Amakuru > Mu makungu > Ubuyapani: Abantu 6 bishwe banyonzwe

Ubuyapani: Abantu 6 bishwe banyonzwe

Friday 27 July 2018, by vianney

Umushikiranagnji w’ubutungane mu gihugu c’Ubuyapani, Yōko Kamikawa, yamenyesheje ko abo bantu 6 bishwe bamanitse bakurikiye abanda 7 nabo nyene bahanishijwe igihano nk’ico mu ntango z’uku kwezi kwa Mukakaro uyu mwaka wa 2018.

Ayo makuru amenyeshako uyo murwi w’abantu 13 bari bafise ukwemera ko hagiye kuba umuhero w’isi baca bagirwa no kugaba ibitero mu gisagara ca Tokyo bakoresheje ubumara bwitwa Sarin bivugwako bwahitanye abantu bashika kuri 29 abangana 13 nabo barahuma amaso.

Uyo murwi wari wihaye izina ryitwa Aum Shinrikyo, bifise insiguro ivuga ati:“ ukuri kurenze.”

Ibihugu vy’Ubuyapani na Reta zunze Ubumwe za Amerika nivyo bigihanisha abafungwa igihano c’urupfu,mu mwaka uheze wa 2017 Ubuyapani bwanyonze abantu 4 naho igihugu ca Reta zunze Ubumwe za Amerika kinyoga abashika kuri 23.


IGIHE

Forum posts

Any message or comments?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.