Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza: Umugambwe uri ku butegetsi watakaje ibibanza mu nama (...)
 Ubwongereza: Umugambwe uri ku butegetsi watakaje ibibanza mu nama nshingamateka
 Ubwongereza: Umugambwe uri ku butegetsi watakaje ibibanza mu nama nshingamateka
				
				vendredi 9 Ruheshi 2017
Amakuru dukesha iradiyo y’abongereza BBC amenyesha ko Therese May agiye guterwa isoni no kuba yahamagaje amatora ya gihutihuti ariko agatakaza n’intebe yarafise mu nama nshingamateka.
Ibiharuro vyavuye mu matora vyerekana ko umugambwe uri ku butegetsi w’aba Conservateur watakaje ibibanza ariko uzoguma ufise ibibanza vyinshi mu nama nshingamateka .
Nk’uko bimenyerewe mu gihugu c’Ubwongereza iyo ata mugambwe waronse amajwi 326 mu matora , umugambwe uri ku butegetsi utegerezwa kwisunga uwundi mugambwe kugira ushinge Reta nshasha ,ivyo bikazotuma umugambwe uri ku butegetsi wa Therese May uzofashanya n’uwundi mugambwe kugira bashireho Reta nshasha.
Mwomenya ko umugambwe Labour witavye amatora ata mahirwe uhabwa waronse ibibanza vyinshi ku rugero rutari rwitezwe.
Vianney BIKORIMANA
