Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubwongereza bwasavye ko abanyagihugu ba Somaliya bigishwa igisirikare
 Ubwongereza bwasavye ko abanyagihugu ba Somaliya bigishwa igisirikare
 Ubwongereza bwasavye ko abanyagihugu ba Somaliya bigishwa igisirikare
				
				jeudi 11 Rusama 2017, par
Mu nama y’umunsi imwe yabereye kuri uwu kane mu gisagara ca Londres, mu gihugu c’Ubwongereza, ku kibazo ca kazoza k’igihugu ca Somaliya, igihugu c’Ubwongereza cemeye ko kigiye gusaba amakungu ko yokwongereza imfashanyo zihabwa ico gihugu ca Somaliya, kugira inzara n’ubukene burangwa muri ico gihugu bigabanuke.
Umukuru w’igihugu mushasha wa Somaliya aheruka gutorwa, nawe nyene yari muri iyo nama, Mohamed Abdullahi Mohamed batazira Farmajo, yamenyesheje ko yiyemeje gukora ibishoboka vyose, kugira igihugu arongoye kironke iterambere.
Tubamenyeshe ko muri iyo nama, igihugu c’Uburundi gisanzwe ari igihugu ca kabiri kirungika abasirikare benshi aho muri Somaliya, cari caserukiwe na Emmanuel NTAHOMVUKIYE, umushikiranganji ajejwe kwivuna abansi.
 
- Uburundi bwaserukiwe na Emmanuel NTAHOMVUKIYE muri iyo nama

Messages
12 Rusama 2017, 08:20, par Ntiba
Uburundi Kumbe Muvyagisirikare Nubwakabiri? Kagame Natekereze .