IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Umuyobozi w’ihinguriro rikora imodoka za Audi yahagaritswe

Umuyobozi w’ihinguriro rikora imodoka za Audi yahagaritswe

lundi 18 juin 2018

Amakuru dukesha urubuga rw’iradiyo y’abongereza BBC, amenyesha ko umuvugizi w’ihinguriro VW yavuze ko Stadler Rupert yafashwe mu gitondo ko kur’uno wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018, aca yumvirizwa na sentare ishobora kuvuga ko yoguma apfunzwe.

Ihinguriro ry’imodoka Audi ryagirizwa ko imodoka zayo zirekura ivyuka vya diesel kandi iryo shirahamwe ryaravyemeye ko imodoka 60000 zo mu bwoko bwa A6 na A7 z’imoteri za diesel zifise ibibazo vyo kurekura ivyuka.

Iradiyo BBC, ivuga ko ico gitigiri kije kwiyongera ku modoka 850000 zo mu bwoko bwa Volkswagen zagaruwe mu mwaka uheze, nke murizo zikaba arizo zahinduriwe ico kibazo.

Mu mwaka wa 2015 niho ico kibazo c’ivyuka birekurwa n’imodoka z’imoteri za diesel catangura kuja ahabona, ihinguriro Volkswagen ryariyemereye ko hafi imodoka 600000 zagurishijwe muri Amerika, zari zifise ibikoresho biburagiza ibipimo vyo kwerekana ko zifise ivyuka.


MUGISHA Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.