IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Vatican : Papa Francois yahagaritse urudandazwa rw’itabi

Vatican : Papa Francois yahagaritse urudandazwa rw’itabi

vendredi 10 novembre 2017

Umuvugizi w’i Vatican Greg Burke yamenyesheje ko iyo ngingo yafashwe kuko igisagara ceranda nka Vatican kitokwemera ko igikorwa nk’ico conona ubuzima bw’abantu kibandanya kuhakorerwa.

Bivugwako abakozi bashika ibihumbi 5 hamwe n’abakukurutse mu kazi bari bemerewe kugura itabi ku giciro gito ,iryo tabi ryatuma Vatican yinjiza amamiriyoni y’amafaranga y’amanyaburaya.

Uwo avugira Vatican yavuze ko ata nyungu n’imwe irimwo mw’itabi mu gihe iryo tabi ryonona ubuzima bw’abantu.

Greg Burke yasubiyemwo amajambo y’ishirahamwe mpuzamakungu rijejwe amagara y’abantu (OMS) avuga ko kunywa itabi bituma abantu imiryoni 7 bapfa buri mwaka.

Mwomenya ko abakozi baho muri Vatican hamwe n’abakukurutse basanzwe barekuriwe kugura itabi buri kwezi mu ma mazu y’ubudandarizo adatozwa ikori.


Vianney BIKORIMANA

Messages

  • Yagerageza Papa ariko abantu ntidushoboka, uzumva hazoba abidoga kandi aramagara ya Bantu botegerezwa kuvyumva bakirinda akabi bonyene. Ejo bundi naho yiyamirije abantu bafata amafoto mugihe c’Inkuka y’Imissa. N’akamaramaza n’aba Padri bajamwo bagafotora. Papa ati : Iyo tuvuga tuti elevez votre coeur ntituba tubabwiye ngo elevez vos téléphone. Ati biteye iseseme. None abantu bavanga amasaka n’amasacramentu. Yavuga Papa ariko ntavura : Imana Imuhangaze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.