Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abaganga basavye uruhusha ubutungane kugira bakuremwo imbanyi y’umugore (...)
 Abaganga basavye uruhusha ubutungane kugira bakuremwo imbanyi y’umugore akiri muto
 Abaganga basavye uruhusha ubutungane kugira bakuremwo imbanyi y’umugore akiri muto
				
				vendredi 11 Nzero 2013
Ni iryambere bishitse mu Bwongereza. Uwo mugore akiri muto agwaye indwara ikurikirana mumiryango vyabaye ngombwa ko akurayo inda yiwe nkuko vyamenyeshejwe n’ikinyamakuru “le quotidien britannique“ ivuga ingene bizogenda muri ino ndwi, abaganga biwe bari n’impungenge kuko imbanyi yiwe iramubangamiye hamwe n’umwana wiwe.
Ariko rero naho biri uko, uwo mukenyezi yaranse gukurayo imbayi yiwe. Abaganga,baciye baja gusaba uruhusha abacamanza kugira bakureyo iyo mbayi ku nguvu, abaganga bakaba babona ko uwo mukenyenzi adafise ubwenge bukwiye bwo gufata ingingo kuvyerekeye iyo ngingo yo gukuramwo iyo mbanyi yiwe
Twobamenyesha ko Sentare yo gukingira yo mu Bwongereza ifise uburenganzira bwo gutanga impusha zijanye n’ibintu nkivyo.
Mumwaka uheze, iyo sentare yarabujije umukenyezi umwe kurangura amabanga mpuza bitsina kuko ngo atarashoboye gutandukanya iciza n’ikibi.
Umucamanza yaciye amenyesha ko ari igikorwa ciwe co gukingira umuntu wese yofata ingingo zishobora kugirira nabi umuntu kugahanga kiwe akoresheje amategeko.
Grâce Irimbere
