IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abaganga batagira imbibe bahevye imfashanyo z’ubumwe bwa Buraya

Abaganga batagira imbibe bahevye imfashanyo z’ubumwe bwa Buraya

samedi 18 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF (Medecins Sans Frontiere) rivuga ko ritazosubira kwakira imfashanyo z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya (Union Europeenne) kubera poritike y’abo y’abimukira.

MSF yiyamiriza amasezerano ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya bagiriraniye n’igihugu ca Turkia yo gusubiza inyuma abimukira bajabutse ibahari baja mu gihugu c’Ubugiriki, bakoresheje ubwato buto buto.

BBC ivuga ko igitigiri c’abimukira, benshi bahunga intambara ibera muri Syria, baja mu bihugu vya Buraya ni kinini cane kuva habaye intambara ya kabiri y’isi yose.

Mu mwaka uheze, ishirahamwe MSF ryahawe imiriyoni 63 z’amadorare n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya hamwe n’ibihugu birihurikiyemwo.

Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye, ryamenyesheje ko ritazosubira kwakira imfashanyo y’ubumwe bwa Buraya hamwe n’iy’ibihugu bigize iryo shirahamwe, mu kwiyamiriza amategeko ateye isoni, no kwongereza inguvu mu gusubiza inyuma abantu babakura i Buraya.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.