Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abaganga batagira imbibe bahevye imfashanyo z’ubumwe bwa Buraya
Abaganga batagira imbibe bahevye imfashanyo z’ubumwe bwa Buraya
samedi 18 Ruheshi 2016, par
Ishirahamwe ry’abaganga batagira imbibe MSF (Medecins Sans Frontiere) rivuga ko ritazosubira kwakira imfashanyo z’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya (Union Europeenne) kubera poritike y’abo y’abimukira.
MSF yiyamiriza amasezerano ishirahamwe ry’ibihugu vya Buraya bagiriraniye n’igihugu ca Turkia yo gusubiza inyuma abimukira bajabutse ibahari baja mu gihugu c’Ubugiriki, bakoresheje ubwato buto buto.
BBC ivuga ko igitigiri c’abimukira, benshi bahunga intambara ibera muri Syria, baja mu bihugu vya Buraya ni kinini cane kuva habaye intambara ya kabiri y’isi yose.
Mu mwaka uheze, ishirahamwe MSF ryahawe imiriyoni 63 z’amadorare n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Buraya hamwe n’ibihugu birihurikiyemwo.
Mw’itangazo iryo shirahamwe ryasohoye, ryamenyesheje ko ritazosubira kwakira imfashanyo y’ubumwe bwa Buraya hamwe n’iy’ibihugu bigize iryo shirahamwe, mu kwiyamiriza amategeko ateye isoni, no kwongereza inguvu mu gusubiza inyuma abantu babakura i Buraya.
IGIHE
Messages
18 Ruheshi 2016, 10:01, par willynshimirimana
naravuze kwivyo bihugu bizi gutanga ifanyo ihungabanya africa gusa ntibizi gutabara
18 Ruheshi 2016, 11:20, par karorero
Aaaahh sinama nvuga ngoteriyosema ubulayi nimuz tubuvir hasi namareta akorana nibinyakuzimu akarorero nuko ubumw bwabulaya burasa ubwato butway abimukira bakabesha ko bwarohamy mumaz intambara iri mur syria yatew nibyo bihugu ben’America rero nibabakire bitabay uko utwo dufaranga bahendesha abantu nibatugumye ndashimiy MSF kungingo yayo yafashe nibindi bihugu bibonereho murakoz.
18 Ruheshi 2016, 13:50, par joseph
bitebe bitebuke Barobona KO uburundi buriko burarenganwa bivuye kuri bamwe bahendwa bakagumuka ngo mandat y’a 3
18 Ruheshi 2016, 21:47, par kanyarane
basigaye bakora nka NKURUMBAYA w’iburundi!
18 Ruheshi 2016, 21:49, par kanyarane
basigaye bakora nka NKURUMBAYA w’iburundi!