IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abantu 13 bahiriye mu kabare mu Bufarana

Abantu 13 bahiriye mu kabare mu Bufarana

samedi 6 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Abantu 13 bahiriye mu kabare kari mu gisagara ca Rouen, mu majaruguru y’Ubufaransa, abandi bagera kuri batandatu barakomereka.

Urupfu rw’abo bantu rwatewe n’impanuka y’umuriro bitaramenyakana neza icayiteye, hakaba hari abavuze ko yoba yatewe n’amabuji yari kuri "Gâteau" abo bantu bari bazanye, kuko bari basanzwe bariko bahimbaza isabukuru y’amavuka y’umwe muribo.

Umwe mu babonye iyo mpanuka y’umuriro avuga ko ibarabara rikuru rija ku kabare "Cuba Libre Bar" ryaciye ryugarwa n’abajejwe umutekano bihutiye gutabara n’ukuzimya uwo muriro.

Abajejwe kuzimya umuriro bakoranye umwete, ku buryo mu mwanya muto umuriro wari wamaze kuzima.

Reta y’Ubufaransa yahakanye ko iyo mpanuka y’umuriro yoba ifitaniye isano n’ibikorwa vy’iterabwoba.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.