Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abavuga ko basambanijwe n’abapadiri bandikiye ikete Papa Fransisco
 Abavuga ko basambanijwe n’abapadiri bandikiye ikete Papa Fransisco
 Abavuga ko basambanijwe n’abapadiri bandikiye ikete Papa Fransisco
				
				mardi 17 Ruhuhuma 2015, par
Abahohotewe n’abapadiri bo muri Amerika bagiye hamwe kuri uwu wa mbere basaba Papa Francisko, umwungere wa Ekleziya Gatolika, kwemera ko ubutungane bw’ibihugu bukurikirana abapadiri bagirizwa icaha co gusambanya abana.
Abahohotewe bo muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Argentine, Mexique n’ibindi bihugu, bandikiye ikete Papa Francisko, bamubwira ko "Amajambo gusa adahagije."
Bemeza ko kuba Papa yari aherutse gutangaza ko abapadiri basambanyije abana bazokurikiranwa ivyo bidahagize, kuko  Ekleziya Gatolika itarigera na rimwe ibashikiriza sentare kugira babazwe ivyaha bakoze.
 
- umwungere wa Ekleziya Papa Francisko
Ikigo c’itangazamakuru co mu gihugu c’Ubufaransa kivuga ko iryo kete risobanura ko ubutungane bw’amasentare asanzwe y’ibihugu, aribwo buzomara agahinda abahungu n’abakobwa baharurwa mu bihumbi, basambanijwe, bikaba akamizwe n’ingoma, kugira ntibicafuze isura nziza ya Ekereziya Gatolika n’iy’abayihagarariye kw’isi.
Abahohotewe bagiriza Papa Francisko gukingira ikibaba abapadiri basambanije abana.
Iryo kete ryandikiwe papa Fransisko ryasomewe mu gisagara ca Mexico na Jose Barba, avuga ko yasambanyijwe na Padiri Marcial Maciel ashinze umuryango w’Abarejiyo ba Kirisitu, yapfuye mu 2008.
Kuva ashinzwe amabanga yo kuba umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Francisko yagiye avuga ko atazigera yihanganira na rimwe abapadiri basambanya abana. Mbere yasavye abasambanyijwe kwihangana avuga ko azorwanya ihohoterwa rikorerwa abana, anashiraho n’umurwi wa EKereziya ujejwe kubarinda ihohoterwa abo bana.
Amakuru ava muri Amerika akavuga ko abahohotewe bo ku mugabane wa Amerika bemeza ko Papa Francisko, uwasubiriye Benoit XVI, yahagaritse mu mirimo abapadiri 400 basambanyije abana, akababuranishiriza muri sentare za Vatikani, bztzrinze kwumviriza abahohotewe canke ababafasha mu mategeko.
Floxella karire

Messages
17 Ruhuhuma 2015, 17:18, par SIHONDI Levis
YAMIHIMBIRI YA OPOZISIYO NA SOSIYETE POLITIKE SIVILE NIBIRABIRE INGENE AMERIKA YANANIWE GUCA IMANZA ZABASAMBANIJE ABANA KUNGUVU. HAMA BAKATUBWIRA KO FBI KO ARIYO IZOCA URUBANZA RWA MANIRUMVA NIBARA