IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Abayobozi batatu ba Al-Qaida bafatiwe ibihano na Amerika

Abayobozi batatu ba Al-Qaida bafatiwe ibihano na Amerika

vendredi 22 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta muri Amerika, bwatangaje ko hasohowe ibihano bishasha ku barongozi batatu b’umugwi w’iterabwoba Al-Qaida, usanzwe ukorera mu gihugu ca Irani.

Faisal Jassim Mohammed, Israel Muhammud Ibrahim Bayumi na Abou Bakr Muhammad Ghumayn nibo bafatiwe ibihano, bakaba bashizwe mu mugwi w’abiyahuzi karuhariwe kw’isi, bakaba bagirizwa kuba begeraniriza amafaranga umugwi Al-Qaida.

Iryo tangazo rya Reta ya Amerika ritunga urutoke uwundi mugabo azwi kw’izina rya Khalidi, ko ari umukozi akomeye wa Al-Quaida, akongera akaba yahoze ayobora ingabo zawo, akorana kandi n’umugwi w’aba talibani muri Pakistani. Bayumi nawe yagirizwa kuba ari umukukuruke wa Al-Qaida, akagirizwa kandi ko yagize uruhara mu kurekuza abagwanyi ba Al-Qaida muri Iran.

Uwa gatatu yitwa Ghumayn ni umutegetsi akongera akaba ajejwe ikigega, gutumatumanako amakuru, ajejwe kandi ibikoresho vy’Umugwi Al-Qaida.

VOA ivuga ko ivyo bihano bafatiwe bigizwe no guhagarika ubutunzi bwabo bwose buri munsi y’amategeko ya Amerika, bikabuza kandi umunyagihugu wese wa Reta zunze Ubumwe za Amerika, hamwe n’amahinguriro kugira ico bakoranye n’abo bagabo.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.