IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Algeria : Abanyuruje Hervé Gourdel imbere y’uko yicwa bamenyekanye

Algeria : Abanyuruje Hervé Gourdel imbere y’uko yicwa bamenyekanye

mercredi 1er Gitugutu 2014

Umushikiranganji w’ubutungane wa Algeria, Tayeh Louh, yamenyesheje kuri uwu wa kabiri, ko mu matohoza bakoze bashoboye kumenya bamwe mu bagize wa murwi Jund al-Khilafa wanyuruza Hervé Gourdel kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga, mu nyuma agahava yicwa.

JPEG - 93.4 ko
Hervé Gourdel

Umushikiranganji Tayeh Louh yamenyesheje ko ivyavuye mu matohoza ya mbere vyamenyekanishije bamwe mu bari murwi w’iterabwoba wakoze ubwicanyi mu guca umutwe umufaransa Hervé Gourdel kuwa gatatu igenekerezo rya 24 Nyakanga.

Uwo mushikirangji w’ubutungane Taheh avuga ko Sentare yatanze imitahe yo guhagarika abo bicanyi, ubutungane nabwo bukaba bwarungitse umurwi ubandanya amatohoza, mu ntumbero yo kumenya abasigaye bataramenyekana bari muri uwo murwi w’inkorabara.

Tubibutse ko Hervé Gourdel, w’imyaka 55, yanyurujwe ku birometero ijana mu buseruko bwa Alger n’umurwi Jund al-Khilafa, kw’igenekerezo rya 21 Nyakanga. Uwo murwi wamwishe bunyamaswa, mu kwihora Ubufaransa bwiyemeje kurwanya ishirahamwe riharanira Reta y’igislamu.


Nadège Irakoze

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.