Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika: Igihuhusi cahitanye abantu 90
 Amerika: Igihuhusi cahitanye abantu 90
 Amerika: Igihuhusi cahitanye abantu 90
				
				mardi 21 Rusama 2013
Umuyaga mwinshi ukomeye wateye uduce twinshi tw’igisagara ca Oklahama, muri Leta zunze ubumwe za Amerika, wahitanye abantu barenga 90, n’ibintu vyinshi birasenyuka.
Abategetsi baravuga ko abantu barenga 90 bapfuye harimwo abana bagera kuri 20 bari mw’ishuri ryaguye.
Birashoboka ko hari abandi banyeshure bashobora kuba bari mu binonko vy’iryo shure.
Abatabazi bafise imbwa karuhariwe babandanije kurondera.
Umukuru w’igihugu Barack Obama yamenyesheje ko ari ivyago bikomeye, yatanganje imfashanyo ya Leta y’igihugu.
Floxella Karire
