Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika siyo ya mbere idandaje indege irerura umukuru w’igihugu
 Amerika siyo ya mbere idandaje indege irerura umukuru w’igihugu
 Amerika siyo ya mbere idandaje indege irerura umukuru w’igihugu
				
				samedi 11 Rusama 2013
Iyo ndege igomba kugurishwa yahoze irerura abakuru b’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika mu ngendo zabo, ikaba izoshirwa kw’isoko kuva kw’igenekerezo rya 15 Rusama 2013.
Iyo ndege y’ibara ry’ubururu ku ruhande, yatanzwe ku giciro c’amadolari y’Amerika ibihumbi 50, ni ukuvuga hafi amafaranga y’abanyaburaya ibihumi 38, ubu iri ku kibuga c’indege i Phoenix muri Arizona.
Nk’uko bimenyeshwa n’igisata ca Leta kijejwe kudandaza iyo ndege, Air Force Two, ni ukuvuga ko ari indege isanzwe irerura umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe, icegera c’umukuru w’igihugu n’umutambukanyi wiwe, hamwe n’abanyamabanga ba Leta.
Indege rero igihugu kiriko kirakoresha ubu niyo nini ugereranije n’iyo ndege bariko baradandaza. Naho ibice vy’iyo ndege bikiri mw’ibanga ku bw’umutekano w’igihugu ca Leta zunze ubumwe z’Amerika, ikirimba c’umukuru w’igihugu carateguye ibiranga iyo ndege inyuma y’urugendo rwa Barack Obama mu mwaka w’2009.
Kw’isi nzima, si Leta zunze ubumwe za Amerika zishize kw’isoko indege yahora irerura umukuru w’igihugu gusa kuko no mu gihugu ca Malawi, Leta yaho yarafashe ingingo yo kudandaza Jet privé, indege yarerura umukuru w’igihugu y’ibibanza cumi na bine, ico gihugu kikaba cafashe ingingo yo kuyidandaza kubw’ibibazo vya politike n’ubutunzi mu gihe iyo ndege yari igikomeye.
Vyatumye igihugu ca Grande Bretagne gifata ingingo yo kugabanya imfashanyo yahora iha malawi.
Ama Leta rero niyo afata ingingo yo kugurisha indege bivanye n’ingorane iyo ndege iba ifise canke bivanye n’izindi mvo za Leta. Aha twovuga nk’ingingo yafashwe na Leta y’Uburundi yo kudandaza Falcon 50, indege yarerura umukuru w’Igihugu c’Uburundi.
Aristide Nizigire
