IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yateguye kwigarurira igisagara ca Mosul

Amerika yateguye kwigarurira igisagara ca Mosul

mercredi 29 Ruheshi 2016, par Egide NDUWIMANA

Intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu Barack Obama mu runani rwagiye hamwe mu kurwanya umuhari wa Reta ya Kiyisilamu muri Iraki yabwiye abashingamateka ba Amerika kuri uwu wa kabiri ko intambara igiye gutumbera gisagara ca Mosul.

Brett McGurk iyo ntumwa, ntiyatangaje igihe ico gitero kizotangurira, ariko yavuze ko imisi umuhari wa Reta ya Kiyisilamu usigaje muri ico gisagara iharuwe.

Yamenyesheje ko imyiteguro yamaze gutangura. Igisagara ca Mosul kirimwo abanyagihugu baharurwa muma miriyoni, hakaba haheze imyaka ibiri ico gisagara carigaruriwe n’uwo muhari.

JPEG - 84.3 ko
Brett McGurk, intumwa idasanzwe y’umukuru w’igihugu Barack Obama mu runani rwagiye hamwe mu kurwanya umuhari wa Reta ya Kiyisilamu muri Iraki

VOA ivuga ko Brett McGurk abitangaje Inyuma y’aho abategetsi ba Iraki baheruka gutangaza ko bigaruriye igisagara cose ca Fallujah.

Amerika igiye gutunganya inama i Washington kw’igenekerezo rya 20 Mukakaro 2016, inama igamije gutororokanya amafaranga yo gufasha abanyagihugu ba Iraki hamwe no gutegura ibisasu vyahambwe mu kuzimu n’abo barwanyi.

Iyo nama izitabwa n’abaserukira ibihugu vya Canada, Ubuyapani, Ubudagi hamwe n’ibindi bihugu.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.