Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yemeye gufasha abarwanya Leta ya Syria
 Amerika yemeye gufasha abarwanya Leta ya Syria
 Amerika yemeye gufasha abarwanya Leta ya Syria
				
				vendredi 14 Ruheshi 2013
Ku ncuro ya mbere, igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika ciyemeje guha intererano ya gisirikare abarwanya Leta muri Syria.
Iyo ngingo ifashwe inyuma y’aho ibiro vy’umukuru w’igihugu Obama bitangarije ko hari ivyemezo ko hari ibitero bimwe bimwe ingabo za Leta ya Syria zakoreshejemwo intwaro z’uburozi.
Mu gihe caheze, umukuru w’igihugu Barack Obama yaburiye abategetsi ba Syria ko bazoba barengeje urugero nibakora ibitero nk’ivyo.
Umwe mu bategetsi bo hejuru bashinzwe politike y’imigenderanire n’amakungu y’Uburusiya bushigiye cane Leta ya Syria yatangaje ko ivyemezo Leta zunze ubumwe z’Amerika ivuga ko ifise ku bijanye n’ikoreshwa ry’izo ntwaro z’uburozi kidafatika.
Yongeye amenyesha ko iyo ntererano ya Amerika ku gufasha abarwanya Leta izobangamira cane imigambi yo kuronderera amahoro igihugu ca Syria.
Egide Nduwimana
