Accueil > Amakuru > Mu makungu > Amerika yitwariye Edward Snowden yahora akora mw’igendereza
 Amerika yitwariye Edward Snowden yahora akora mw’igendereza
 Amerika yitwariye Edward Snowden yahora akora mw’igendereza
				
				dimanche 23 Ruheshi 2013
Leta zunze ubumwe za Amerika zasavye ubucamanza gukurikirana Edward Snowden yahoze akorera urwego rw’igendereza rw’ico gihugu imbere yo gutangaza amakuru y’ibanga avuga ko Amerika ifise uburyo bwo gukurikirana ibiganiro vy’abantu mw’ibanga biciye ku buhinga ngurukana bumenyi( internet)
Leta zunze ubumwe za Amerika zimwagiriza ivyaha vy’ ubutasi n’ubusuma.
Edward Snowden yahungiye muri Hong Kong, aho Leta yaho yanse kugira ico ivuga ku makuru avuga ko Leta zunze ubumwe za Amerika zayisavye gufunga uwo mugabo no kumurungika mu gihugu ciwe, bikaba bivugwa ko yinyegeje.
Mukamenya ko Hong Kong na Leta zunze ubumwe za Amerika ari ibihugu vyari bisanzwe bifitaniye amasezerano yo guhererekanya imfungwa.
Snowden yatangaje ko urwego rw’igendereza rwa Leta zunze ubumwe za Amerika rukurikirana mw’ibanga ubutumwa bw’abantu kuri e-mails, n’ivyo baganira ku ngendanwa.
Egide Nduwimana
