Accueil > Amakuru > Mu makungu > Burumaniya: Umupfasoni Suu Kyi mw’idefile ya gisirikare
 Burumaniya: Umupfasoni Suu Kyi mw’idefile ya gisirikare
 Burumaniya: Umupfasoni Suu Kyi mw’idefile ya gisirikare
				
				mercredi 27 Ntwarante 2013
Umukuru w’abatavuga rumwe n’ubutegetsi muri Burumaniya, Aung San Suu Kyi, yatavye ubwa mbere i defile ya gisirikare iba buri mwaka .
Iki kikaba ari ikindi kimenyetso cerekana ko abandanya imigenderanire n’igisirikare .
Yari yicaye ku ntebe za mbere. Umutware  w’ingabo, General Min Aung Hlaing, yavuze ko igisirikare kizobandanya  kugira uruhara runini muri politike y’igihugu.
Yavuze ko igisirikare kizokomeza gushigikira inzira y’umukuru w’igihugu yo kubaka igihugu gitekanye, akanahakana ko igisirikare cakoze ihonyabwoko.
Abamenyeshamakuru bariyo bamenyesha ko Aung San Suu Kyi yahemukiye bamwe mu bakunzi biwe yiyegereza igisirikare.
Floxella Karire

