Accueil > Amakuru > Mu makungu > Centrafrique:Leta nshasha yaragenywe kuri uwu w’Imana
 Centrafrique:Leta nshasha yaragenywe kuri uwu w’Imana
 Centrafrique:Leta nshasha yaragenywe kuri uwu w’Imana
				
				lundi 1er Ndamukiza 2013
Umushikiranganji wa mbere wo muri centre Afrique,Nicolas Tiangaye ,yaragenye kuri uwu w’Imana leta nshasha igiye hamwe irimwo abari mu mirwi irwana hamwe n’abahoze batavuga rumwe na leta ,nkuko bivugwa n’itangazo ryasomwe kw’iradio.
Michel Djotodia yafashe ubutegetsi kw’igenekerezo rya 24 Ntwarante muri centrafrique yarashize ahabona abagize leta nshasha y’imfatakibanza irimwo ubushikiranganji 5,hamwe n’ubwo kwivuna abansi.
Nk’uko bivugwa mw’ itangazo  ,uwo murwi mushasha ujejwe gutegura amatora mu myaka itatu iza, uzoba urongowe n’umushikiranganji yahahora ,Nicolas Tiangaye .
Ku wa gatandatu ,wa mugabo akomeye w’I Bangui yari yakuyeho igikorwa cose co kwihora abansi babo, aca asaba abo basangiye igihugu bahungiye mu mahanga ko botahuka.
" Ndateye akamo ka kivukanyi n’umutima wo gukunda igihugu benewacu batoye inzira yo guhunga ,ko botahuka " vyavuzwe n’uwo mutegetsi yize muri Union sovietike.
Yarasavye kandi imfashanyo amakungu  hamwe n’ubufaransa ,igihugu cabatwaye imbere yuko bikukira kandi kikaba   gifise  abasoda  muri republika ya centrafrika bajejwe gukingira abafaransa baba muri ico gihugu.
Ukwo gutembagaza ubutegetsi bw’umukuru w’igihugu  Bozize bwaraciriwe urubanza n’amakungu . Ishirahamwe ry’ubumwe bw’afrika ryarahagaritse igihugu ca centrafrike  mu mabanga yaco kandi rirongera riratanga ibihano  kuri abo  bategetsi bashasha harimwo na Michel Djotodia
Floxella Karire
