IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chili: Umwana yisabiye umukuru w’igihugu ko yohohoshwa

Chili: Umwana yisabiye umukuru w’igihugu ko yohohoshwa

vendredi 27 Ruhuhuma 2015, par IGIHE

Valentina Maureira yashize amasanamu ku rubuga Facebook atakambira umukuru w’igihugu ca Chili Michelle Bachelet kumureka "agasinzira ubutacikangura " kubera ko "arambiwe no kurwana".

JPEG - 35 ko
Valentina ku musego

Mu masanamu ateye umubabaro yashize kuri Facebook, uwo mukobwa w’imyaka 14 arasaba Michelle Bachelet, kwemererwa "gusinzira ubutacikangura’’. Valentina Maureira akimara kuvuka, yanduye indwara yitwa ’cystic fibrosis’ yanduje amahaha yiwe, n’urwagasha- ni indwara ihererekaywa mu muryango.

Kuva ubwo, yabazwe kenshi, apima ibiro 35 kandi avuga ko "ananiwe no gukomeza kurwana". Mu butumwa bwiwe, ico kibondo kivuga ko cifuza kuvugana n’umukenyezi w’umukuru w’igihugu Bachelet "vyihutirwa". Muri ayo masanamu agira ati: "ashobora kunyemerera konterwa urushinge ruzonsinziriza burundu". Muri Shili amategeko ntiyemera guhohosha abarwayi batazakira hamwe n’ubwiyahuzi bufashijwe na muganga.

Valentina Maureira yavuze ko ubuzima bwiwe ari intambara idahera kuri we n’umuryango wiwe. Aho yari ari mu bitaro yagize ati: "Ndambiwe no gukomeza kurwana kubera ko nta gihinduka. Biranduhisha cane ." Mu butumwa yashize muri ayo amasanamu(Video), uyo mukobwa avuga ko musaza we mukuru, Michael, yapfuye azize iyi ndwara igihe yari afise imyaka itandatu.

Cystic Fibrosis ni yo yica kurusha izindi ndwara zose zivukanwa mu bazungu. Ibimenyetso biboneka cane ni inkorora idahera, kubura impwemu canke guhumeka bigoye.

Se wa Valentine, Fredy Maureira, avuga ko umuhungu w’imfura yiwe yapfuye mu 1996 amaze imyaka ine mu bitaro. Yagize ati: "Yakiriwe mu bitaro afise imyaka ibiri kandi yapima hagati y’ibiro bibiri canke bitatu."

Se w’uwo mwana Maureira yatangaje ko we n’umugore wiwe urwaje Valentina mu bitaro bumijwe n’ubutumwa bw’ uyo mwana wabo. Ariko bavuga ko bazoshigikira ico Valentina azohitamo cose. Kugeza ubu, umukuru w’igihugu Bachelet ntaragira ico avuga kuri ivyo vyasabwe na Valentina .

Raba amasanamu y’uwo mwana asaba umukuru w’igihugu kumureka agahohoshwa


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.