Accueil > Amakuru > Mu makungu > Chine:Imyiyerekano y’abamenyeshamakuru
 Chine:Imyiyerekano y’abamenyeshamakuru
 Chine:Imyiyerekano y’abamenyeshamakuru
				
				mardi 8 Nzero 2013
Amakuru aturuka muri Chine avuga kw’abantu bagiye ari benshi kw’iyandikiro ry’ikinyamakuru the Southern Weekend, bamwe bifunze ku munwa.
Bahashize amashurwe nk’ikimenyetso co kwerekana ko bagandariye ubwisanzure bw’itangazamakuru.
Ibinyamakuru hirya no hino muri Chine vyatangaje urwandiko bitegetswe n’umugambwe w’aba Communista, rwerekana kamaro ka leta mu kugenzura itangazamakuru.
Ariko bimwe mu binyamakuru ntivyatangaje urwo rwandiko, ndetse bamwe batangaje ubutumwa ku rubuga rwa internet bwerekana ko bitandukanije n’ibiri mur’urwo rwandiko.
Abajejwe amakuru n’abayobozi b’ikinyamakuru the Southern Weekend bari mu mubonano bihweza niba bosohora ikinyamamkuru c’iyi ndwi.
Bamwe bagiye mu myiyerekano kuva ejo biyamiriza kubuzwa kwandika inkuru yasaba ko urubuga rwa politike rwugururwa.
Grâce Irimbere
