Accueil > Amakuru > Mu makungu > CYPRUS: Umukuru w’igihugu Nicos ashavujwe n’amakori
 CYPRUS: Umukuru w’igihugu   Nicos ashavujwe  n’amakori
 CYPRUS: Umukuru w’igihugu   Nicos ashavujwe  n’amakori                                                 
				
				lundi 18 Ntwarante 2013
Umukuru wa Cyprus, Nicos Anastasiades, yavuze ko ari ko aragerageza kugabanya amakori yategetswe n’ibihugu bihuriye kw’ifaranga ry’uburayi ku mafaranga yo kubitsa atangwa mu ma banki.
Ayo makori  yarateye ikibazo muri ico cirwa.
Mw’ijambo yavugiye kuri Television, umukuru w’igihugu Anastasiades yavuze ko nawe yifatanije akababaro n’abatanezererewe iryo kori  ryategetswe n’ igihugu ciwe  kubera ingurane cahawe n’ibihugu bikoresha ifaranga ry’uburayi n’ikigega mpuzamakungu, ingurane igera kuri miliyaridi icumi z’ama euro.
Umukuru wa Cyprus yavuze ko nimba inama nshingamateka itemeje iyo ngurane, amabanki akomeye abiri yo muri ico gihugu azohomba.
Floxella Karire
