Accueil > Amakuru > Mu makungu > Damas: Ikibombe cahitanye abantu 10
 Damas: Ikibombe cahitanye abantu 10
 Damas: Ikibombe cahitanye abantu 10
				
				lundi 8 Ndamukiza 2013
Ikibombe giteze mu modoka caturikiye ku murwa mukuru wa Syria Damas gihitana abantu nibura 10 nk’uko bivugwa n’ibinyamakuru vya Leta.
Ico kibombe caturikiye hafi ya banki nkuru ca Syria n’ishure, nk’uko inkuru zibivuga.
Cononye ibintu vyinshi mu nyuma yaco hakaba humvikanye inkoho nyinshi, nk’uko bivugwa n’itororokanirizo ry’amakuru AFP.
Umwotsi mwinshi waduze uva aho caturikiye.
Abantu nibura 70.000 baramaze guhitanwa n’intambara muri Syria kuva itanguye haraheze imyaka irenga ibiri.
Umunyamabanga mukuru wa ONU Ban Ki Moon yamenyesheje kuri uyu wa mbere ko umugwi w’abagenduzi uri muri Chypre aho urindiriye uruhusha rwo kwinjira muri Syria kugira uje gutohoza ku vyavuzwe y’uko hoba harakoreshejwe ibigwanisho vy’ubumara(armes chimiques)
Joel Sengurebe

