IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Donald Trump yashize ahabona imwe mu migambi ikomeye azorangura (...)

Donald Trump yashize ahabona imwe mu migambi ikomeye azorangura niyatorwa

vendredi 22 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Donald Trump, umwe mu bitoza mu kibanza c’umukuru w’igihugu wa Reta zunze ubumwe za Amerika, mu mugambwe w’aba republicains, yiyemeje gutuza ubugizi bwa nabi muri ico gihugu, mu gihe yotahukana intsinzi mu matora yimirije mu kwezi kwa cumi na rimwe.

Igihe yariko arashikiriza ijambo mw’ikoraniro kaminuza ry’aba republicains ryo kumwemeza ngo azobaserukire, yavuze ko ataco ashobora gushikako igihe hatoba hari iyubahirizwa ry’amategeko.

Donald Trump yiyemeje kandi gufata ingingo zikomeye zo kugwanya abinjira muri Amerika hadakurikijwe amategeko, avuga ko ubu abimukira binjira bakanaba muri ico gihugu hatitaweho umutekano w’abanyagihugu ba Amerika.

BBC dukesha iyi nkuru yanditse ko Donald Trump yavuze ko aje kuvugira ba nyarucari hamwe n’abatagira ikibavugira muri Amerika, akaba yiyerekana nk’umuntu ashimagizwa cane kurusha uwo bazohangana mu matora wo mu mugambwe w’abademokrate, Hillay Clinton, yavuze ko arangwa no kurya ibiturire no kudakora akazi neza.

Uwo mugwizatunga yavuze ko azohagarika ibikorwa vyo kwubaka ibindi bihugu hamwe no guhindura intwaro mu kindi gihugu, avuga ko ataho vyashitse. Yavuze ko poritike nk’iyo yabaye intango z’ingorane zirangwa muri Iraq, Libya, Misri hamwe na Syria.

Donald Trump yiyemeje gufashanya akazi n’abanyamerika bose bipfuza kugwanya umugwi wa Islamic State. Yanebaguye Ubushinwa yagiriza kuba bwiyitirira ivyakozwe n’abahinga b’abanyamerika, kandi ko ico gihugu cahinduye agaciro k’ifaranga gikoresha ku nyungu zaco.

Donald Trump kandi yiyemeje gusubira kwumvikana n’abo bafitaniye imigenderanire, ku masezerano y’ubudandaji, kugira igihugu ca Amerika kivyungukiremwo bimwe biboneka.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.