Accueil > Amakuru > Mu makungu > Egypte : Abamenyeshamakuru ba Al-Jazeera barekuwe
 Egypte : Abamenyeshamakuru ba  Al-Jazeera  barekuwe
 Egypte : Abamenyeshamakuru ba  Al-Jazeera  barekuwe
				
				vendredi 13 Ruhuhuma 2015
Abamenyeshamakuru ba   Al-Jazeera bahora bapfungiwe mu gihugu ca Egypte barekuwe bakaba bamaze gushika mu miryango yabo.
Abo bamenyeshamakuru Mohamed Fahmy na Baher Mohamed barekuwe ivy’agateganyo, inyuma y’umwaka wose bapfunzwe. Umwe n’umumenyeshamakuru w’umunye Canada ariwe Mohamed Fahmy hamwe Baher Mohamed wo muri ico gihugu ca Egypte, bose bakaba bakorera imboneshakure ya Al-Jazeera . Abavukanyi hamwe n’ikinyamakuru bakorera, bakaba bari mu munezero inyuma y’umwaka wose abo bamenyeshamakuru bari mw’ibuye.
Bakaba bari batanguye gucirwa umunyororo w’imyka indwi kugeza kw’icumi, none Reta ikaba yabarekuye. Iryo rekurwa rero rikaba ryashimwe ndetse n’igihugu ca Canada, aho cari casavye ko ico gihugu ca Egypte copfungurura abo bamenyeshamakuru bose uko ari babiri.
Aristide Nizigire
