IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ubufaransa : Ibigo vy’abigeme batambuka vyabujijwe kwakira abigeme bonze (...)

Ubufaransa : Ibigo vy’abigeme batambuka vyabujijwe kwakira abigeme bonze cane

samedi 4 Ndamukiza 2015, par IGIHE

Mu gihugu c’Ubufaransa, abigeme batambuka (Défiler) bamwe bita aba mannequins, abonze cane babujijwe, bikaba vyaraye vyemejwe n’inama nshingamateka y’aho muri ico gihugu.

Kuri uno wa gatanu, abashingamateka bo mu gihugu c’Ubufaransa barahinyanyuye itegeko ribuza ko amazu akoresha abigeme b’abanyamideri, gukoresha abigeme bonze cane. Iryo tegeko rikaba rifise intumbero yo kwirinda ya ndwara yo kubura akayabagu canke ukwiyicisha inzara (anorexie).
Iryo tegeko rero rirabuza ibikorwa vy’abo bigeme (mannequins), kuri uwo wese azoba afise ibiro biri munsi y’ibitegekanywa n’ubushikiranganji bw ‘amagara y’abantu n’ubw’abakozi, ivyo biro bitegerezwa bikaba biriko birigwa n’inama nshingamateka.

Kuri uwo wese rero afise ibigo bikoresha abo bigeme atazubahiriza iryo tegeko rishasha, azohanishwa umunyororo n’ihadabu ry’75000 vy’amanyaburaya, n’ukuvuga amafaranga ibihumbi mirongo ine n’icenda vy’ama CFA.

Bimwe mu bigo vy’aho mu Bufaransa bikaba bitanguye kuvyiyamiriza, aha twovuga nk’ikigo Synam (Syndicat National des Agences de Mannequins), bakavuga ko bitumvikana ingene bashobora gushira isano hagati y’ukwonda kw’abo bigeme (Mannequins) hamwe n’iyo ndwara yo kubura akayabagu (anorexie).
Bakavuga ko bitumvikana ingene bashiraho isano hagati y’ivyo bintu bibiri, kuko iyo ndwara yo kubura akayabagu umuntu akiyicisha inzara, iva ahanini ku ngorane umuntu aba afise.

Tubamenyeshe ko muri ico gihugu iyo ndwara yo kubura akayabagu igwaye abantu bari hagati y’30000 gushika kuri 40000, muri abo ibice 90 kw’ijana bakaba ari abapfasoni, mbere bamwe bakaba bitaba Imana bivuye kuri iyo ndwara.


Floxella karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.