IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Grece: Alexis Tsipras yamenyesheje ko atanze imihoho

Grece: Alexis Tsipras yamenyesheje ko atanze imihoho

vendredi 21 Myandagaro 2015

Umushikiranganji wa mbere w’igihugu c’Ubugiriki Alexis Tsipras yaratanze imihoho ku mugoroba wo kuwa kane igenekerezo rya 20 Myandagaro 2015,inyuma y’iminsi ari mu biganiro vyo kunagura ubutunzi bw’igihugu ciwe.

Alexis Tsipras yavuze ko yatanze imihoho mu ntumbero yo kworohereza amatora y’abashingamateka ategekanijwe kw’igenekerezo rya 20 mu kwezi kuza kwa Nyakanga.

Abicishije ku mboneshakure y’igihugu,Alexis Tsipras yavuze ko mu mwanya muto ashikiriza umukuru w’igihugu impapuro zemeza ko atanze imihoho na Reta yiwe,kandi ko agomba gushikiriza ivyo yakoze abanyagihugu b’Ubugiriki kugira bafate ingingo.

Alexis Tsipras nta kindi yari gukora atari gutanga imihoho,kuko haheze igihe hari abashingamateka bamwiyonkoyeko,ivyo navyo bigatuma adashobora kurungika amategeko mu nama nshingamateka.

Uwuzosubirira Alexis Tsipras ivy’infatakibanza yamaze kumenyekana,rikaba ribaye kandi irya mbere umushikiranganji wa mbere azoba abaye umugore,uwo nawe ni Vassiliki Thanou,asanzwe arongoye sentare rubamba.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.