Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hari haciye imyaka irenga cumi banyurujwe
 Hari haciye imyaka irenga cumi banyurujwe
 Hari haciye imyaka irenga cumi banyurujwe
				
				mardi 7 Rusama 2013
Hari haciye imyaka irenga cumi abagore batatu bazimiye. Babiri muri bo banyurujwe bakiri imiyabaga, baca batorwa mu nzu y’i Cleveland, muri Leta zunze ubumwe za Amerika.
Abagabo batatu bagirizwa iryo nyuruzwa baciye bafatwa. Ivyo bikaba vyamenyeshejwe n’igipolisi kuri uyu wa mbere, igenekerezo rya 6 Rusama 2013.
Abo bakenyezi bakaba batowe aho bari banyegegejwe,  ku metero nke y’aho bari banyururijwe muri  Ohio.
Umubanyi waho hantu nyene niwe yumvis eumwe muri abo bagore bari bugaranwe ,akoma induru nyinshi nk’umufungwa, agerageza kuva mu nzu bari bugaraniwemwo. Aca aregera kuraba ivyarivyo,niho yagerageza  kubugururira, biranka aca akoresha inguvu. Yuguruye, haciye hasohoka umukenyezi aje aravura ateruye akana k’akigeme.
Ivyo bikaba bimenyeshwa na M.Rmsey.
Amanda Berry, umwe muri abo bakenyezi bari baranyuruje yabwiye uwamutoye ko bari bamaze imyaka irenga cumi bari aho hantu kandi ko umugabo yari yabanyuruje yitwa Ariel Castro.
Imiryango y’abo bakenyezi yaciye yiruhutsa kuri iyo myaka yose yari ihaciye batazi irengero ry’abana babo. Bakaba bakiranwe igishika n’impuhwe nyinshi n’ababanyi basanzwe babana i Claveland.
Ibinyamakuru bikaba vyahavuye bitora ko uwo Ariel Castro yagirizwa kuba yarakoze ico kibi co kunyuruza abigeme batatu yari kumwe na benewabo babiri.
Igipolisi caciye  kihashika mu nyuma, gica gitora n’abandi bakenyezi babiri,  aribo : Gina De Jesus na Michele Knight, bakaba nabo nyene bari baranyurujwe co kimwe na  Amanda Berry.
Amanda Berry yari yanyurujwe igenekerezo rya 21 Ndamukiza umwaka w’2003, aho hari ku mugoroba avuye ku kazi hafi yaho yaba. Ico gihe yarafise imyaka 16 gusa. Gina De Jesus yari afise imyaka 14, nawe akaba yaravuye kw’ishure atashe, hari kw’igenekerezo rya 4 Ndamukiza 2004, ivyo bikava mu makuru atangwa n’igipolisi ca FBI.
Michele Knight nawe ab’iwabo baheruka kumubona igenekerezo rya 23 Myandagaro 2002, agifise imyaka 21 gusa.
Abagobo bagirizwa batatu baciye bafatwa n’igipolisi inyuma y’aho batoreye abo bakenyezi batatu bari banyurujwe.
Abo bakekwa bava mu gihugu ca Espagne, bakaba bafise imyaka iri hagati ya mirongo itanu, mirongo itanu na kabiri hamwe na mirongo itanu na kane.
Mariella Bukuru

Messages
7 Rusama 2013, 13:23, par Mpabonimana jean berchmans
Jewe numva ari igitangaro:-)mpabonimana jeanberchmas
8 Rusama 2013, 04:10, par Bukuru Emery
nugushima Imana yabikoze