Accueil > Amakuru > Mu makungu > Hollande: Umwamikazi Beatrix azova ku ntebe y’ubwami
 Hollande: Umwamikazi Beatrix azova ku ntebe y’ubwami
 Hollande: Umwamikazi Beatrix azova ku ntebe y’ubwami
				
				mardi 29 Nzero 2013
Inyuma y’imyaka irenga 32 umwamikazi Beatrix ari ku ntebe y’ubwami bw’ubu Hollande agiye kuva ku ntebe.
Uwo mwamikazi azohimbaza imyaka 75 mu mpera z’uku kwezi nk’uko umuvugizi wiwe yabimenyesheje kuri uyu wa mbere.
Umwamikazi Beatrix amenyesheka ko hageze ko atanga urumuri ku bakiri bato. Azoshikiriza intebe y’ubwami umuhungu wiwe w’imfura Willem-Alexander.
Willem-Alexander akaba afise imyaka 45, akaba afise abana 3 hamwe n’umuganwakazi wiwe Maxima. Azokwimikwa italiki 30 Ndamukiza muri uyu mwaka.
Beatrix yari umwamikazi wo ku ngoma igira 6,kuva aho yasubiriye ku ngoma nyina wiwe umwamikazi Juliana mu mwaka wa 1980 nawe akaba yari ku ngoma imyaka 30.
Grace Irimbere

Messages
29 Nzero 2013, 09:25, par umuhen
ariko abazungu ni abagome sana.... baza guteza akaduruvayo ngo dukureho ubwami kandi baziko iwabo baramya umwami wabo banamurwanira ngo ubutegetsi bwabo budahava butemba