Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ikigandaro ca Hugo Chavez,n’ikirangaminsi cerekana ayandi matora
 Ikigandaro ca Hugo Chavez,n’ikirangaminsi cerekana  ayandi matora
 Ikigandaro ca Hugo Chavez,n’ikirangaminsi cerekana  ayandi matora
				
				jeudi 7 Ntwarante 2013
Ijoro rishira uwa kane igenekerezo ry’7 Ntwarante, abanya Venezuela baraye barasezera Hugo Chavez aho bamwunamira ubwanyuma.Ikiziga c’umukuru w’igihugu cari mugasengero ko kw’ishure ry’igisoda i Caracas.
Ibirori vyo kumushingura bitegekanijwe kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ntwarante 2013 aho bizoba vyitabwe n’abakuru b’ibihugu batari bake.
Umunya Boliveya Evo Morales n’umunya Argentine bamaze kuhashika.N’ubu abanya Venezuela bakaba bakiriko baramusezera ubwanyuma imbere ko ashingurwa kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 Ntwarante.
Uyu munsi wa kane ukaba ugize kabiri igihugu cose kiri mukigandaro.Abantu bose bakaba berekeje amaso I Caracas aho ishure ry’igisirikare riri,hagati mu gisagara,aho bashize ikiziga ca Hugo Chavez kuva kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 6 Ntwarante.
Ku munsi wa gatatu,umunsi wa mbere w’ikigandaro,isandugu yiwe yari ikikujwe n’abantu isinzi bari baje kumusezera,ari naho hari hatunganijwe ko bamwunamira ubwanyuma uyu munsi wose.
Inyuma y’ikigandaro,igihugu kizotegerezwa gufata ingingo ihambaye mu kurondera uba araserukira igihugu ivyimfatakibanza,mukurindira akaba ari Nicolas Maduro yabaye aragiserukira ivy’imfatakibanza.
Mubisanzwe,iyo umukuru w’igihugu yitavye Imana,amategeko y’ibwirizwanshingiro ategekenya ko haba ayandi matora y’umukuru w’igihugu inyuma y’iminsi 30.Kubw’ivyo,bategerezwa gukurikiza ikirangaminsi ca politike.Ariko gushika ubu itariki nye zina ikaba itaramenyeshwa.
Umuyobozi wiwe Henrique Capriles akaba yavuze ijambo rihumuriza kandi rihuza imice yose ,haba ari bashigikiye Chevez ,haba abatari bamushigikiye.uwo Henri Capriles yategerezwa kuba ari uwitoza kuruhande rwa MUD akazohiganwa na Nicolas Maduro kuruhande rwa Chavez.Gushika ubu akaba atanakimwe kirakoreka.
Mariella Bukuru


