IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Ile Reunion: Hatowe ibisigarira vyoba arivyo indege MH-370

Ile Reunion: Hatowe ibisigarira vyoba arivyo indege MH-370

vendredi 31 Mukakaro 2015

Ibisigarira vyikekwa ko ari ivyo indege Malaysia MH-370 vyatowe mw’izinga rya Reunion,inyuma y’umwaka iyo ndege izimiye,bakabura irengero ryayo.

Mw’itangazo yasohoye, Najib Razak yavuze ko ivyo bisigarira bikekwa ko vyoba ari ivyo ibaba ry’indege, bizorungikwa mu Bufaransa kugira bisuzumwe.

Ivyo bisigarira bizosuzumwa mu ntumbero yo kumenya nimba ari ivy’indege y’ishirahamwe Malaysia Airlines MH-370, yazimiye mu mwaka uheze, irimwo abantu 239.

Reta ya Australia ivuga ko gutora ivyo bisigarira yoba ari intambwe ikomeye mu nzira yo kumenya ivyayishikiye.

Ibipande vyose vy’indege bifise ibiharuro canke nimero iyiranga, ivyo bigashobora kworosha uburyo bwo kumenya nimba ivyo bipande vyatowe ari ivy’iyo ndege.

Igikorwa co kurondera iyo ndege cisunze ahanini ku kirere kingana n’ibilometero 6000 mu buseruko bw’izinga rya Reunion, ariko abahinga bavuga ko ivyo bisigarira bishobora kuba ariho vyareremvye biva.

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.