Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imiriyoni 3 z’inomero y’ikinyamakuru Charlie Hebdo zabaye zike ku (...)
 Imiriyoni 3 z’inomero y’ikinyamakuru Charlie Hebdo zabaye zike ku basomyi
 Imiriyoni 3 z’inomero y’ikinyamakuru Charlie Hebdo zabaye zike ku basomyi
				
				mercredi 14 Nzero 2015
Abariko baragura ikinyamakuru casohotse ca Charlie Hebdo bari benshi kuva muri aka gatondo.
Imirongo miremire akaba ariyo yibonekeza ahasanzwe hadandarizwa ico kinyamakuru. Abantu benshi rero bakaba baje kugura ico kinyamakuru, inyuma y’aho bamwe mu bicanyi karuhariwe hamwe n’abandi bamenyeshamakuru bagandaguriwe bishwe n’abihevyi bo mu muhari w’abadjihadiste. Imiriyoni zitatu rero z’ico kinyamakuru akaba arizo zasohotse mu ndimi 25, kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Nzero.
Abakozi b’ico kinyamakuru bakaba babonye ko ari bike, bakaba babariye abasomyi b’ico kinyamakuru ko kuri uyu wa akane, bazosohora izindi miriyoni zibiri, zice ziba zose hamwe imiriyoni zitanu z’ico knyamakuru, gisohotse habonekamwo Mahomet ariko ararizwa n’ivyashikiye abo bamenyeshamakuru.
Aristide Nizigire

Messages
14 Nzero 2015, 19:11, par djuma
Mbega ico kimenyesha. Ntikuberiki baguma bandika ibintu bitabaraba ntikuberiki baguma bakurikira aba isiram ntibabareke ahubwo nibo bizanira inkorane