IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Imodoka igendera hejuru y’izindi yatanguye kugeragezwa mu Bushinwa

Imodoka igendera hejuru y’izindi yatanguye kugeragezwa mu Bushinwa

jeudi 4 Myandagaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Uruja n’uruza rw’imiduga mu gihugu c’Ubushinwa rurabangamiwe n’ubwinshi bw’imiduga hamwe n’abantu bagera ku muriyaridi baba muri ico gihugu, kandi benshi muribo bakaba bafise imiduga, ivyo bigatuma benshi bacererwa ku kazi, canke mu yindi mirimo baba bagiyemwo. Abashakashatsi bo muri ico gihugu batoye ubuhinga bw’ingene bohangana n’ico kibazo, bakaba bakoze imodoka ifise ubushobozi bwo kugendera hejuru y’izindi (Transit Elevated Bus, TEB).

JPEG - 160.1 ko
Uruja n’uruza rw’imiduga mu gihugu c’Ubushinwa rurabangamiwe n’ubwinshi bw’imiduga hamwe n’abantu bagera ku muriyaridi baba muri ico gihugu

Iyo modoka yatangiye gukorerwa igeragezwa muri iyi ndwi, ikaba ifise burebure bwa n’imetero 22 , ubwaguke bw’imetero 7.8 ndetse n’uburebure uja hejuru bungana n’imetero 4.8, ikaba ifise kandi ubushobozi bwo gutwara abantu amajana atatu.

Ukuntu iyo modoka ikoze gutuma ishobora guca hejuru y’izindi modoka, ari navyo bituma itanga icizere co kugabanya uguteba mu nzira kubera ubwinshi bw’imiduga.

Igeragezwa rya mbere ry’iyo modoka ryabereye mu gisagara ca Qinhuangdao giherereye mu majaruguru y’Ubushinwa, mu Ntara ya Hebei.

Ibihugu bitandukanye birimwo Brezil, Ubufaransa, Ubuhindi hamwe na Indonesia bikaba vyatangiye kugaragaza ko vyifuza imodoka ikozwe muri ubwo buhinga.

JPEG - 97 ko
Iyo modoka ifise ubushobozi bw’ugutwara abantu amajana atatu

IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.