Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indege ya EgyptAir yari yaburiwe irengero yatowe ibisigarira
Indege ya EgyptAir yari yaburiwe irengero yatowe ibisigarira
vendredi 20 Rusama 2016, par
Igisirikare ca Misiri hamwe n’ishirahamwe riraba ingendo z’indege muri ico gihugu bavuga ko ibisigarira vy’indege ya EgyptAir vyabonetse mu kiyaga Mediterane.
Iyo ndege ifise nimero y’urugendo 804 yava i Paris yerekeza mu Misiri irimwo abantu 66, igihe yaburirwa irengero ku musi wa kane, nk’uko tubikesha BBC.
Umuvugizi w’igisirikare ca Misiri yavuze ko ibisigarira vy’iyo ndege n’abayirimwo bari ku birometero 290 uvuye mu gisagara ca Alexandrie.
Mw’itangazo ryiwe, umukuru w’igihugu wa Misiri, Abdel Fattah al-Sisi yamenyesheje ko yababajwe n’iryo sanganya.
Ibihugu vy’ubugiriki, Misiri, Ubufaransa, hamwe n’igisirikare c’Ubwongereza bariko barafashanya mu gikorwa co kurondera iyo ndege mu micungararo ya Karpathos.
Ubugiriki buvuga ko ku vyuma biyobora indege, iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A320 yabonetse igira gatebetebe incuro zibiri, mu nyuma iragwa ivuye ku birometero 25000, ica yinjira mu mazi.
Abategetsi baraba ingendo z’indege bavuga ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A320 yarimwo abantu 66, bagizwe n’ingenzi 56 hamwe n’abakozi 10 bakorera muri iyo ndege.
Iryo shirahamwe rivuga ko iyo ndege yaburiwe irengero mu karere ko mu buseruko bw’ibahari Mediterrane, ku birometero 16 mu mazi uvuye mu Misiri.
IGIHE
Messages
20 Rusama 2016, 14:49, par Jean Freury Ntibazi
Imana Nibakiremubwamibwayo Kumiryango Nibihangane Ntakundikwise Koatawuzi Iherezoryiwe
20 Rusama 2016, 16:34, par CAKIRA
murarabe mwabazungumwe ko atari BOKO HARAM yabikoze ,muzi kutugwarirako gusa!
20 Rusama 2016, 18:47, par NKURUNZIZA CLEOPHAS
NTIYOBA YARASHWE?
21 Rusama 2016, 01:26, par Miburo Balthasar
Imana ntiyakir’umuntu mu bwami bwayo iyo apfuye. N’aboba bapfuye bizera Kristo bazorindira muri ca gitondo c’umuzuko wa mbere, "niho bazobona ishusho y’Imana". " Abapfiriye muri Kristo nibo bazobanza kuzuka (Zaburi 17: 15 na 1Abatesalonike 4: 16).
21 Rusama 2016, 22:41, par Chadrack
Ababuriye Mwiryo Sanganya Mwigumye,ariko Abo Bajejwe Ingendo Zindege Bagerageze Berekane Iyo Iryo Sanganya Ryavuye
22 Rusama 2016, 21:24, par Jérôme
Ndahojej Imiryang Yabobant Bagiz Isangany Nimba Bapfuy Bizey Bazosubir Kubonana Kuk Burya Twese Niyonzira.
23 Rusama 2016, 18:02, par habarugira
pole ababuze bose nibihangane iyondege nibarabe impanvu ko yoba yagize isanganya canke ko yoba yatewe nabarwanyi kubera ivyubu bisigaye bitangaje abasi bigihu nibeshi
24 Rusama 2016, 18:29, par J.MARIE KZ
NIBIHANGANE NIKOBIMEZE AHAKWISI GUSA ABASIGAYE NIBITEHO I DIEU
24 Rusama 2016, 22:32, par BARANKAKA FRANCOIS
MBE UBURUNDI INDEGE TWAHOZE TUBONA I GITEGA UBU IRAMAJAHE?79362660
27 Rusama 2016, 07:02, par Mpozamarira Erias
Turahojeje imiryango yaburiye ababo mwiryo sanganya ryi yo ndege,mwisi turingenzi sihotuzohora.