IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indege ya EgyptAir yari yaburiwe irengero yatowe ibisigarira

Indege ya EgyptAir yari yaburiwe irengero yatowe ibisigarira

vendredi 20 Rusama 2016, par egide

Igisirikare ca Misiri hamwe n’ishirahamwe riraba ingendo z’indege muri ico gihugu bavuga ko ibisigarira vy’indege ya EgyptAir vyabonetse mu kiyaga Mediterane.

Iyo ndege ifise nimero y’urugendo 804 yava i Paris yerekeza mu Misiri irimwo abantu 66, igihe yaburirwa irengero ku musi wa kane, nk’uko tubikesha BBC.

Umuvugizi w’igisirikare ca Misiri yavuze ko ibisigarira vy’iyo ndege n’abayirimwo bari ku birometero 290 uvuye mu gisagara ca Alexandrie.

Mw’itangazo ryiwe, umukuru w’igihugu wa Misiri, Abdel Fattah al-Sisi yamenyesheje ko yababajwe n’iryo sanganya.

Ibihugu vy’ubugiriki, Misiri, Ubufaransa, hamwe n’igisirikare c’Ubwongereza bariko barafashanya mu gikorwa co kurondera iyo ndege mu micungararo ya Karpathos.

Ubugiriki buvuga ko ku vyuma biyobora indege, iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A320 yabonetse igira gatebetebe incuro zibiri, mu nyuma iragwa ivuye ku birometero 25000, ica yinjira mu mazi.

Abategetsi baraba ingendo z’indege bavuga ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A320 yarimwo abantu 66, bagizwe n’ingenzi 56 hamwe n’abakozi 10 bakorera muri iyo ndege.

Iryo shirahamwe rivuga ko iyo ndege yaburiwe irengero mu karere ko mu buseruko bw’ibahari Mediterrane, ku birometero 16 mu mazi uvuye mu Misiri.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.