IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Indege yo mu bwoko bwa Airbus A320 ya EgyptAir yaburiwe irengero

Indege yo mu bwoko bwa Airbus A320 ya EgyptAir yaburiwe irengero

jeudi 19 Rusama 2016, par egide

Indege imwe EgyptAir, y’ishirahamwe rya Misiri, yariko irava ku mugwa mukuru w’Ubufaransa yerekeza i Cairo mu Misri, yaburiwe irengero mu vyuma bijejwe kuriyobora (Radars).

Abategetsi baraba ingendo z’indege bavuga ko iyo ndege yo mu bwoko bwa Airbus A320 yarimwo abantu 66, bagizwe n’ingenzi 56 hamwe n’abakozi 10 bakorera muri iyo ndege.

Iryo shirahamwe rivuga ko iyo ndege yaburiwe irengero mu karere ko mu buseruko bw’ibahari Mediterrane, ku birometero 16 mu mazi uvuye mu Misiri.

BBC ivuga ko ata kimenyetso na kimwe cerekana ko hari ikirere kibi, igihe iyo ndege yaburirwa irengero.

Igihugu ca Misiri catumye indege z’intambara kurondera iyo ndege, ababijejwe bakaba bariko barafashanya n’igihugu c’Ubugiriki kugira barabe ko bobona aho iyo ndege yazimanganiye.


IGIHE

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.