Accueil > Amakuru > Mu makungu > Inyuma y’iminsi 2 abuze umugabo,Celine Dion yabuze musaza we
 Inyuma y’iminsi 2 abuze umugabo,Celine Dion yabuze musaza we
 Inyuma y’iminsi 2 abuze umugabo,Celine Dion yabuze musaza we
				
				dimanche 17 Nzero 2016
Inyuma y’iminsi ibiri gusa abuze umugabo wiwe René Angélil,umuririmvyikazi Celine Dion yabuze musaza Daniel Dion yari amaze iminsi asinzikajwe n’indwara ya kansere(Cancer).
René Angélil, umugabo wa Celine Dion yapfuye kuwa Kane igenekerezo rya 14 Nzero 2016, ahitanywe na kansere yo mu muhogo. Musaza we Daniel w’imyaka 59 na we yahitanywe na kansere yo ku bwonko, ururimi no mu muhogo.
Daniel yapfiriye mu bitaro yari arwariyemwo mu gisagara ca Montreal muri Canada. Mu gihe cose amaze arwaye yabana n’umuryango, Celine na we yariko yitaho umugabo wiwe yari arwariye mu gisagara ca Nevada ari naho yapfiriye.
Mu bari bitayeho cane ubuzima bwa Daniel ni nyina wiwe Therese w’imyaka 88 ndetse akaba ata munsi wahera atagiye kumuraba mu bitaro.
Daniel apfuye umuryango wiwe usa n’uwamaze kubona ko isaha n’isaha ashobora gupfa, co kimwe na René Angélil,umugabo wa Celine Dion.
Ibirori vyo gusezera irya nyuma Daniel,bizobera mw’ishengero rya St-Simon-et-Jude de Charlemagne muri Repentigny muri Quebec mu gihugu ca Canada.
IGIHE

Messages
17 Nzero 2016, 11:25, par ISAI NIYIBITANGA
IMANA IBAKIRE JEWE NIFATANIJE NUMURYANGO WA CELINE DIO
17 Nzero 2016, 14:17, par Elias
Niyikaze Ntakundi Niko Bimeze Kwino Si
17 Nzero 2016, 16:29, par EVARISTE VYUMVUHORE
Imana imwakire twes turindiriy umusi n’isaha. Yihangane kwisi ni uko.
18 Nzero 2016, 09:46, par bashir
usibye kuba ari star ni umugore w.umutima
18 Nzero 2016, 11:05, par Mihigo
Oho uwo mupfasoni niyigumye nikobigenda,abapfuye nimba bapfuye bizeye Imana Ibakire batizey barindir irubanza rw’Imana .Ndahojeje umuryango wabuze.
18 Nzero 2016, 12:30, par moon
condolence! death is an obligation for all of us. we should get ready before it happens because even if they die,their life is never forgoten; they will have to be courted by our God.
18 Nzero 2016, 13:47, par ntezi bernard
Condoleance,Celine Dion but we are together with you.We love u so much.
21 Nzero 2016, 16:13, par Boubou
NOUS DISONS CONDOLÉANCE A MADAME CÉLINE DION !!! QUE LE SEIGNEUR ACCUEILLE DANS LE ROYAUME DES CIEUX LES SIENS ET SURTOUT PROTÈGE CEUX QUI LUI RESTENT
27 Nzero 2016, 20:48, par Hakizimana Marcel.
Condoleance chere Celine. Tu Es une dame particuliere. Que ton mari et ton frere leur ame repose. en paix. Imana Ibakire mubayo.
Celine wabaye umu Mama wintashikirwa, utandukanye n,abandi. bahanzi tuzi, ariyubaha. Kuki abantu beza bahura n,ibyago?. Imana Yakire mubayo umufasha we na musaza we. Yihangane tumuri inyuma. Que Dieu Protege Said famille.
18 Mukakaro 2016, 19:08, par Eliphaz Hahozimana
Celine Dion Bizogenda Gute Kurizo Mpantuka Asigayemwo Zukubura umugabo We Réne Angélil Na Musazawe Daniel Dion
16 Nzero 2018, 21:54, par NIYORUKUNDO VINCENT
Ubwo Uwo Mucance Wa Celine Dion Yari Umuhanzi ? Yakor Akazi Nyabaki?