Accueil > Amakuru > Mu makungu > John kerry mu rugendo rwo kurondera ababashigikira gutera igihugu ca (...)
 John kerry mu rugendo rwo kurondera ababashigikira gutera igihugu ca syria
 John kerry mu rugendo rwo kurondera ababashigikira gutera igihugu ca syria
				
				samedi 7 Nyakanga 2013
Mu gihe hateguwe inama idasanzwe mu gihugu ca Leta zunzubumwe z’Amerika, igategerezwa kuvuga aho ihagaze ku vyerekeye gutera igihugu ca syria ,umushikiranganji ajejwe imigenderanire Ya Leta zunzubumwe z’Amerika n’ayandi makungu ,John Kerry ari mu rugendo mu gihugu ca Lituanie, akaba ariko arazunguruka mu bihugu vya Buraya kugira arondere abazofashanya mu gutera igihugu ca syria.
Inyuma y inama ya G20, harabonetse ukwutumvikana kudasanzwe ku vyerekeye gutera igihugu ca syria, umunyabanga wa Leta ya Amerika John Kerry ari mu rugendo mu bihugu vya Buraya. John Kerry yashitse ku musi wa gatanu i Vilnius (Lituanie ), kuri uno munsi John Kerry akaja kubonana n’abagenzi we 28 bo mw’ishirahamwe ry‘ubumwe bwa Buraya.
Mu ndege yarerura uwo mukuru ajejwe ivy’imigenderanire i Vilnius, umukuru w ikigo ca Leta zunzubumwe z’Amerika yamenyesheje ko arindiriye ibiganiro baza kugirana n’abashikiranganji b‘ibihugu vya Buraya aho bizeye ko bija kugira ico bivamwo kandi arashimira cane igihugu c ’Ubufaransa na Danemark vyemeye kubashigikira.
John Kerry azogendera kandi igihugu c’Ubufaransa aho bazoganira n’umushikinganji w’Ubufaransa ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Laurent Fabius. Munyuma azoja mu gihugu c Ubwongereza imbere yuko asubira muri Leta zunzubumwe z’Amerika ku munsi iwa mbere.
Floxella Karire
