Accueil > Amakuru > Mu makungu > Korea ya ruguru mw’igerageza rya nuclear
 Korea ya ruguru mw’igerageza rya nuclear
 Korea ya ruguru mw’igerageza rya nuclear
				
				mercredi 3 Ndamukiza 2013
Ikibanza ca Yongbyon, cari cugawe mu 2007 bivuye ku mwumvikano ufatiwe ku guhagarika gukora ibirwanisho, gishobora gukora plutonium ikoreshwa mu gukora ibisasu vya "bombe atomique".
Korea ya ruguru yamenyesheje ivyo gusubira gukoresha ico kibanza ca Yongbyon mu gihe hasanzwe icuka kibi hagati ya Korea zompi.
Korea ya ruguru ikangisha ibitero Korea y’epfo, nayo Leta zunze ubumwe za Amerika nazo zikarungika indege zihambaye kuja gushigikira Korea y’epfo.
Korea ya ruguru ivuga ko gusubira kuvyura ico kibanza c’inguvu za nuclear ca Yongbyon, bizotuma yongereza ubushobozi bwayo bwa nuclear bikayunganira mu gukemura ikibazo c’ubukene bw’umuyagankuba.
Ubushinwa, igihugu kinywanyi rudende ca Korea ya ruguru, kimenyesha ko kitanezerejwe n’ivyatangajwe na Korea ya ruguru.
Egide Nduwimana

