IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Laurent Fabius yavuye muri Reta y’Ubufaransa

Laurent Fabius yavuye muri Reta y’Ubufaransa

mercredi 10 Ruhuhuma 2016, par egide

Laurent Fabius, yahora ari umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu yasezeye ko avuye muri Reta y’Ubufaransa. Uwuzomusubirira akaba ataramenyekana.

Inyuma y’inama nshikiranganji yitavye irya nyuma kuri uwu wa gatatu, umukuru w’igihugu François Hollande yaciye amenyesha ko Laurent Fabius, yahora ari umushikiranganji w’imigenderanire y’Ubufaransa n’ayandi makungu yasezeye muri Reta.

JPEG - 94.7 ko
Laurent Fabius yitavye inama nshikiranganji yiwe ya nyuma kuri uwu wa gatatu

Uwo aramutswa Ubufaransa akaba yaciye kandi amenyesha ko hariho umugambi w’ukumugena mu burongozi bw’inama nkuru ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, afate ikibanza cahoramwo Jean-Louis Debré.

Mw’itangazo umukuru w’igihugu François Hollande yasohoye kuri uwu wa gatatu, yamenyesheje ko ategekanya gushinga Laurent Fabius ayo mabanga y’ukurongora inama nkuru ijejwe kwubahiriza ibwirizwa shingiro, ariko akaba arindiriye ico inama nshingamateka na nkenguzamateka z’Ubufaransa zizovuga kuri iryo zina rya Laurent Fabius.


IGIHE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.