Accueil > Amakuru > Mu makungu > Lettonie: Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho
 Lettonie: Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho
 Lettonie: Umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho
				
				jeudi 28 Munyonyo 2013
Inyuma y’aho igisenge c’inzu gisenyukiye mu gihugu ca Lettonie kigahitana abantu batari munsi ya 54, umushikiranganji wa mbere yatanze imihoho.
Umuvugizi w’umushikiranganji wa mbere wa Lettonie yavuze ko Valdis Dombrovskis ivy’iryo sanganya nawe nyene yobibazwa nk’umunyaporitike kuri ako kaga kashikiye abanyagihugu, aho ico gisenge c’inzu y’ubudandaji cabaguyeko kigahitana abatari munsi y’abanyagihugu 54, abandi bagakomereka, aca afata ingingo yo gutanga imihoho.
Igiporisi camaze gutangura amatohoza, aho kiriko kiraraba namba iyo nyubakwa yari yubatswe bikurikije amategeko. Muri iki gihe, ico gihugu kikaba kiri mu kigandaro c’iminsi itatu cashizweho na Reta, kugira bibuke abahitanywe n’izo ngorane. Kuva ico gihugu gifise abanyagihugu bangana n’imiriyoni zibiri z’abanyagihugu, cikukiye mu mwaka w’1991, akaba ariyo mahano ya mbere akiguyeko.
Umushikiranganji wa mbere w’igihugu ca Lettonie rero, akaba ariwe mutegetsi akiri muto muri ayo mabanga ku butaka bw’Uburaya, ku myaka 49 y’amavuka. Valdis Dombrovskis akaba yarabaye umushingamateka, imbere y’uko aja kuba umukuru w’ibanki nkuru y’ico gihugu.
Aristide Nizigire
