Accueil > Amakuru > Mu makungu > Mexique: Abantu 25 baguye mw’isanganya ry’iturika rikomeye rivuye ku mwuka wa (...)
 Mexique: Abantu 25 baguye mw’isanganya ry’iturika rikomeye rivuye ku mwuka wa gaz
 Mexique: Abantu 25 baguye mw’isanganya ry’iturika rikomeye rivuye ku mwuka wa gaz 
				
				vendredi 1er Ruhuhuma 2013
Iryo turika ryahitanye abantu bari mw’igorofa ndende cane ipima metero 214. abashika 25 bapfuye nayo abashika 101 bakomeretse iyo nzu ikaba yakoreramwo ihinguriro ry’ibitoro ryitwa PEMEX gushika muri aka gatondo abatabazi bari bakirondera abobabari musi y’ibihomoka
Astrid Garcia akorera iryo hinguriro yari yagiye gusuma agarutse atubwira ivyo yabonye ati : « numvise umengo ni nka nyamugigima ngize ntya mbona uruhande rwo hasi rwasenyutse sinabaye ncinjira » uwundi mukozi ati «munzu yo mukuzimu hari abantu barenga 1000 kuko ariho abakozi twese twakoranira ».
Inyuma y’amasaha atandatu inyuma y’iryo turika umukuru w’igihugu Peña Nieto yahishikiye arikumwe n’umukuru w’igisagara ca mexico amenyesha ko bashoboye kurokora umuntu umwe yari yugaraniwe hagati y’ibihomoka mw’igorofa ya mbere. arongera ati : « ntituramenya icateye iyo mpanuka ariko amatohoza arabandanya » asaba ko abatabazi bobishiramwo akigoro.
Iryo turika ryashitse sa kumi. Gushika muri iki gicugu croix rouge yari imaze guharura abapfuye bashika 25 ivyo bitigiri bicari mfatakibanza. abarongoye igisagara bo bavuga ko abakomeretse bashika 100 iyo mpanuka yashitse mu gihe abakozi bariko bitegurira gutaha.
Amatelevision yaciye yihuta gushikiriza iyo nkuru bituma abatabazi bashika kare naho umwotsi wagenda intumbwejuru wari mwinshi cane. umuvugizi w’igipolisi gikinga impanuka yavuze ko iyo mpanuka yatewe n’ibicupa vya gaz vyari mu cumba c’umuyaga nkuba vyari mwigorofa ya mbere. vyiyugurura.
Sylvere Bavumiragiye
