IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Mu makungu > Michelle Obama yatsitaje abanya Arabiya Saoudite

Michelle Obama yatsitaje abanya Arabiya Saoudite

jeudi 29 Nzero 2015

Igihe bari bagiye kugarukira ku banya Arabiya Saoudite, ku vyerekeye urupfu rwa Abdlalah Abdelaziz saoud, inyambaro ya Michelle yatumye abatari bake bamunegura ku rubuga ngurukanabumenyi kuko atari yitwikiriye mu gihe abakenyezi bo muri ico gihugu bategerezwa kwitwikira.

N’ubwo abakenyezi bava hanze mu bindi bihugu bavyemerewe vy’umwihariko kutitwikira, abenshi iyo bagiye muri ico gihugu barashima kwitwikira kugira ntibabanegure canke ngo batsitaze abandi. Ariko rero umukenyezi wa Barack Obama ntavyo yakoze, yagiye umushatsi uri hejuru, bamwe n’abandi bakabona ko vyasa naho atemera uko abapfasoni bo muri ico gihugu babayeho canke bafashwe.

Tubibutse ko hari bumwe mu burenganzira bwa kiremwa muntu abo bakenyezi bo muri ivyo bihugu vy’abarabu badafise, kirazira ko batwara imodoka, kirazira ko batembera bakarenga imbibe badafise uruhusha rw’abagabo babo n’ibindi.

N’ubwo bamwe mu bategetsi ataco babivuzeko, hari abanse kumuha Michelle Obama na bwakeye mu minwe. Abasanzwe bashaka kugumya akaranga k’aho muri Arabiya saoudite bakaba baneguye cane inyifato ya Michelle Obama. Mu bihugu bindi yari amaze kugendera nka Indonesie yagiye yitwikiriye, bamwe rero bakavuga ko gisa n’igitutsi ku mwami Abdallah aherutse gusandaba.


Floxella Karire

Messages

  • nibaje hiyo none bashaka niba imico yabo bayegeke kubandi kunguvu.niba imico ibarekurira kwihambira cank kwambara i careso nabandi bibe uko

  • Jewe hari ibintu nsigaye numva canke mbona ahubwo nkumva birasesemye. Wobegwa ko iyisi isigaye yuzuyemwo abantu bagendera kumitwe amaguru nayo hejuru, canke bagenda bakurura inda hasi nkinzoka. Mbega abo ba Saoudite, ntibari bazi uwuje kubatemberera uwariwe?? Mbega bene iyo bagiye gutemberera abandi, ko batigera bihindura?? Bama bambara ivyo bi kanju naho baba bagiye muri Amerika canke ahandi. Ariko ntamuntu agenda arabavumagura. Ariko iyo uwundi muntu adakoze ivyo bene bakora, ngo n’agasuzuguro. None bashaka isi yose igire kumategeko y’igihugu cabo?? Nibimene nimba badashaka kubana mumahoro n’abatandukanye nabo.

  • Ariko hara abantu umenga ntibarezwe runtu kuko iyo yabavuz opinion umenga ningwano

  • wewe wiyita world,ushaka kwiteza umutekano muke gezaho uzuvuga ivyo ufitiye ubumenyi! spt

  • Michelle Obama nibamuveko. Umwe wese arafise uburenganzira bwo kugumana imico n’akaranga k’igihugu ciwe. None bashaka twese twitwikire canke tuvute nkabo. Ubu rero, ntihagire umugore w’ico gihugu azokoza ikirenge mu Burundi bwacu kuko twebwe ntitwinyegeza muri ivyo bihuzu vya noirs umengo ni les âmes du purgatoire. Les droits de l’homme en général et de la femme en particulier doivent être respectés. J’aime la façon dont Michelle Obama se vêtit, et elle n’est pas obligée de changer de culture ou de tradition selon où elle va. Ni bimene hama bamuhe amahoro. Bakaja muri Amerika nabo bazoce bakura iyi myitwikiro yabo.

  • ICO GIPFU CUMURUNDI ARIKO ARAGAYA ARABIE SAOUDITE ATAGIRA NAKARANGA NTATUVUGIRE KUKO NACO AZI ABARUNDI NTITWISUKA MURI POLITIKE YABANDI

  • bangwe-bangwe ntimushire intambara aho zitari, mbega abo bitwikira mu mitwe iyobagiye mu bihugu batitwikira, bobo barambura canke barakura ivyo bitambara kumitwe yabo???????????????????????????????????????????????????????????????????

    nibaza rero yuko ivyo badakora,ntibabitegeke abandi,umwe wese akwiye kwidegemvya no kwubahirizwa mukwemera kwiwe.point et c tout!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.