Accueil > Amakuru > Mu makungu > Misiri : Amerika ntishigikiye ihohoterwa ry’abari mu yindi migambwe
 Misiri : Amerika ntishigikiye ihohoterwa ry’abari mu yindi migambwe
 Misiri : Amerika ntishigikiye ihohoterwa ry’abari mu yindi migambwe
				
				vendredi 12 Mukakaro 2013
Umuvugizi w’ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Leta zunze ubumwe za Amerika yamenyesheje abategetsi ba Misiri ko bariko bigirira nabi, namba basanzwe batifuza ikumira.
Jay Carney yibukije ko kugira intumbero yo gukorera hamwe ishoboke, ari uko  imigambwe yose yohimirizwa kandi yokwemererwa kugira uruhara mu ntwaro rusangi.
Ku bwiwe, niyo mpamvu Amerika yamaze gutomora neza ko ata fatwa n’ipfungwa ry’abantu ata mpamvu zitomoye izoshigikira.
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU Ban Ki Moon nawe nyene yaragabishije ko ata mugambwe n’umwe ukwiye gukumirwa.
Mu gihe kuri uno munsi wa gatanu hategekanijwe amasengesho nk’uko bisanzwe kubari mw’idini rya islam, hategekanijwe imyiyerekano y’impande zihanganye, aho muri ino ndwi habandanije imishamirano, abashigikiye Morsi bugariza hafi y’ikigo ca gisirikare bibaza ko yoba apfungiyemwo kuva akuwe ku butegetsi.
Ku munsi w’ejo kuwa kane, ubutegetsi bwa Obama n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU baragaragaje umwitwarariko uturutse ku mitahe yasohorewe umukuru w’umugambwe MB n’abandi bategetsi bakuru bawo icenda.
Mu kiganiro yagiranye kuri ngendanwa n’umushikiranganji w’imigenderanire Kamel Amr, Ban Ki-Moon yavuze ashimitse ko ata kibanza itotezwa n’ikumira ry’umugambwe n’umwe muri mikuru bikwiye kuba mu Misiri.
Mukaba mwomenya ko imishamirano ikomeza kwiyongera mu gihe umugambwe MB wahamagariye abantu kwitaba imyiyerekano iza kubera mu gisagara ca Kayiro kuri uyu wa gatanu wa mbere w’ukwezi kwa Ramadani, ukwezi kwahariwe amapfungo kubari mw’idini rya islam
Egide Nduwimana
